{"id":3423,"date":"2019-07-08T08:00:17","date_gmt":"2019-07-08T06:00:17","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3423"},"modified":"2019-07-09T17:42:56","modified_gmt":"2019-07-09T15:42:56","slug":"burundi-nounou-asa-nkuko-yamaze-kwitwa-kinyota","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-nounou-asa-nkuko-yamaze-kwitwa-kinyota\/","title":{"rendered":"Nounou asa nk\u2019uko yamaze kwitwa Kinyota"},"content":{"rendered":"<p><strong>Turi i Ngozi isaha zibiri z\u2019ijoro, hagati na hagati mu kwezi kwa mukakaro. Mu gihe abanyeshure bo muri Kaminuza bariko baraheraheza ibibazo , ni akaryo keza ko kugira umugirwa wo kubikosora\u2026 ni ukuvuga kuja kunywa inzoga iyo bahejeje gukora ibibazo.<\/strong><\/p>\n<p>Imvo n\u2019imvano ni uguterefonwa n\u2019umugenzi wiwe Elvire*. Nounou* yari yagiye kuramutsa incuti ziwe ariko mu bisanzwe akaba yaba yagiye kuraba yuko mu nzu iwabo atagacupa kinzoga boba barirengangije. Akimuterefona yagize ati: <em>\u201cUri he ga Nounou ngo dusangire kamwe \u201d<\/em> ?<br \/>\nUwo mubonano waciye wemerwa hari hasigaye gusa gucagura ubunywero bajamwo hagati y\u2019ahaba hateramiye abantu benshi, ahaba hari bake , ahaba ari heza cane canke ahantu hamwe uhicaye akamoto k\u2019inyama z\u2019impene zokeje gatuma utangura kumiramitwa ukikumva. Na bene ubunywero baritwararika kuryosha ibirori kugira ngo bakwegakwege <em>\u201cabo banyaBujumbura\u201d<\/em> bo badasiba kuza kwinezereza muri\u00a0 ubwo bunywero uko ikibazo cose gikozwe.<\/p>\n<p>Mu nyuma abo bakobwa bahurije ku ciyumviro c\u2019uko abagenzi babo batamenyereye i Ngozi boja kubereka ingene i Ngozi bateka. Bose hamwe bari batandatu, abahungu babiri hamwe n\u2019abigeme bane. Bashitse, barateye udukuru dukeyi kugira babe bararindira yuko uwubahereza ico kunywa ashika. Ashitse mu kanya isase imeza bicayeko yari yuzuye inzoga gusa.<\/p>\n<p><strong><em>\u201cKunywa inzoga ni akamano mu muryango iwacu\u201d<\/em><br \/>\n<\/strong><\/p>\n<p>Nounou yihereza amusiteri ndende, akiyisoma gusa mu maso uca ubona yuko akeye neza cane. Amaze kuyikurako igitama kimwe canke bibiri uwo mwigeme atarenza imyaka 25 y\u2019amavuko agira ati: <em>\u00abUbu rero ndumva yuko akenge kagarutse. Jewe sindi igikere canke ifi ngo nywe amazi gusa. Akayoga ni wo muti wanje\u00bb<\/em>.\u00a0\u00a0\u00a0 Hagati y\u2019igitama n\u2019ikindi, Nounou ntiyihanganira gucokoza umuhungu bari bicaranye\u00a0\u00a0 ariko anywa agafanta aho nk\u2019akarorero atahengeshanya kumubwira ati : <em>\u201c Wewe uriko unywa ifanta sinokwubahuka no kugusoma kuko wohava unyanduza indwara\u00a0 y\u2019igisukari\u201d<\/em>.<\/p>\n<p>Nounou asanzwe ari umunyeshure muri Kaminuza y\u2019Ingozi, aremanga yuko yatanguye kunywa inzoga agifise imyaka 12: <em>\u201c Iwacu i Bujumbura twamana inzoga i muhira. Umunsi rero mpimbaza isabukuru yanje y\u2019amavuko aho nari nkwije imyaka 12, ba senge baciye bampa inzoga. Aho kugira natirwe neza naraye nyoye\u00a0\u00a0 amacupa atatu.\u201d<\/em><br \/>\nAho rero urugendo rwari rutanguye: <em>\u201cUbu twe n\u2019akayoga twibaniye neza. Ubu ndashobora kunywa amacupa 10 yinzoga canke nkanywa 12 iyo nicaranye n\u2019abagenzi bazi kuganira \u201d<\/em>.<\/p>\n<p>Ikibabaje gusa ni uko Nounou amaze kwisanga yaraye mu gitanda c\u2019umugabo atazi ingene yashitseyo. Arangiza avuga ati:<em> \u201c Ni uko nyene abagenzi banje banyubahiriza kandi bakamba hafi ahandi ho mba maze gukora amarorerwa.\u201d<\/em><\/p>\n<p>___________<\/p>\n<p><em>*Amazina yahinduwe<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Turi i Ngozi isaha zibiri z\u2019ijoro, hagati na hagati mu kwezi kwa mukakaro. Mu gihe abanyeshure bo muri Kaminuza bariko baraheraheza ibibazo , ni akaryo keza ko kugira umugirwa wo kubikosora\u2026 ni ukuvuga kuja kunywa inzoga iyo bahejeje gukora ibibazo. Imvo n\u2019imvano ni uguterefonwa n\u2019umugenzi wiwe Elvire*. Nounou* yari yagiye kuramutsa incuti ziwe ariko mu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":18,"featured_media":3424,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[],"coauthors":[100],"class_list":["post-3423","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3423","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/18"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3423"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3423\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3465,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3423\/revisions\/3465"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3424"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3423"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3423"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3423"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3423"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}