{"id":3420,"date":"2019-07-08T08:00:13","date_gmt":"2019-07-08T06:00:13","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3420"},"modified":"2019-07-09T17:36:51","modified_gmt":"2019-07-09T15:36:51","slug":"burundi-vyahereye-mu-birori-biherera-mu-bunywero","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-vyahereye-mu-birori-biherera-mu-bunywero\/","title":{"rendered":"Vyahereye mu birori biherera mu bunywero"},"content":{"rendered":"<p><strong>Iyo yasohokanye n\u2019abagenzi, Leslie arihereza amacupa atatu canke ane. Naho akiri umuyabaga, ntibimubuza kwirenza amacupa atari make mu bunywero.<\/strong><\/p>\n<p>Leslie*, ku myaka 17 gusa afise, ntakiri iciga ngeso mu kunywa inzoga. Ata ngorane n\u2019imwe z\u2019ukumaramara, ariyemerera ko anywa inzoga umwanya ubonetse, ikibabaje ni\u00a0 uko uwo mwanya uboneka kenshi cane.<br \/>\nMu mpera z\u2019ukwezi kwa myandagaro, uburuhuko buba buriko burahera hanyuma\u00a0 abanyeshure bagaca batangura kwigina iminsi ya nyuma ya bwo, imbere ko basubira ku ntebe y\u2019ishure.<\/p>\n<p>Ni kamwe mu bunywero bufise abantu benshi bahagendera , urukanywa ni nywa na we, bamwe mbere ntibatinya no kuza baratamba uturirimbo tuba turiko turavuzwa ngaho naho haba ari ku murango. Umunezero n\u2019ukwinezereza ni vyo biba biranga ico kibanza.<br \/>\nNk\u2019uwumenyereye ubwo bunywero, Leslie nta co yinona mu kunywa mu mutekano ntangere akayeri akunda cane benshi bazi kwizina rya Baju. Leslie ati: <em>\u201c Ntibazobahende ngo ubunywero bw\u2019i Bujumbura ntibutanga inzoga ku miyabaga canke kubandi bose bakiri bato, barampa atacamira gusa mpfa kuba ntambaye umwambaro w\u2019ishure.\u201d<\/em><\/p>\n<p>Abavyeyi ba Leslie bo ntibaraca n\u2019ikanda ko umwana wabo yatanguye kunywa inzoga nyinshi kuva agifise imya 15. Leslie ati:<em> \u201c Natanguye kunywa inzoga umunsi nari nagiye guhimbaza isabukuru ry\u2019ivuka ry\u2019umugenzi wanje. Kuva ico gihe inzoga maze kunywa ni nyinshi cane ntizigira n\u2019uko zingana.\u201d<\/em><\/p>\n<p>Akabigira kabizi ngo karya imboga karitse, Leslie ntayobewe na gato amabi ashobora guturuka ku nzoga mu gihe umuntu azishinze: <em>\u201c Sindazisangira n\u2019uwo ari we wese kandi simpfa umwanya ndazinywereye\u201d<\/em>.<\/p>\n<p>Bitebe bitebuke Leslie ntahakana yuko umunsi umwe\u00a0 abavyeyi biwe bazotinda bakamenya yuko asigaye yihereza urukanywa.<\/p>\n<p>____________<\/p>\n<p><em>*Izina ryahinduwe<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Iyo yasohokanye n\u2019abagenzi, Leslie arihereza amacupa atatu canke ane. Naho akiri umuyabaga, ntibimubuza kwirenza amacupa atari make mu bunywero. Leslie*, ku myaka 17 gusa afise, ntakiri iciga ngeso mu kunywa inzoga. Ata ngorane n\u2019imwe z\u2019ukumaramara, ariyemerera ko anywa inzoga umwanya ubonetse, ikibabaje ni\u00a0 uko uwo mwanya uboneka kenshi cane. Mu mpera z\u2019ukwezi kwa myandagaro, uburuhuko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":18,"featured_media":3421,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[],"coauthors":[100],"class_list":["post-3420","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3420","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/18"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3420"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3420\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3463,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3420\/revisions\/3463"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3421"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3420"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3420"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3420"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3420"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}