{"id":3413,"date":"2019-07-08T08:09:43","date_gmt":"2019-07-08T06:09:43","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3413"},"modified":"2019-07-15T19:25:14","modified_gmt":"2019-07-15T17:25:14","slug":"burundi-goreti-umukobwa-wintungane-yahavuye-atwarwa-umutima-ninzoga","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-goreti-umukobwa-wintungane-yahavuye-atwarwa-umutima-ninzoga\/","title":{"rendered":"Goreti, umukobwa w&rsquo;intungane yahavuye atwarwa umutima n&rsquo;inzoga"},"content":{"rendered":"<p><strong>Ku murwa mukuru w\u2019intara ya Kirundo, izina rya Goreti ryaramenyekanye nabi, ivyo bikaba vyatanguye kuva mw\u2019ijoro riraho ryo mu kwezi\u00a0 kwa myandagaro mu 2016. Uwo muzezwanzu w\u2019imyaka 30 nta n\u2019umwe yari bwigere yibaza ko yocitse iciro ry\u2019umugani kubera utuyoga.<\/strong><\/p>\n<p>Goreti benshi bazi kw\u2019izina rya Gogo, yaje mu Kirundo gukora mu bunywero avuye i Nyanza Lac. Uretse ubutekereji nta kindi kintu na kimwe abantu bari bamuziko gushika muri iryo joro rya myandagaro.<\/p>\n<p>Imbere yuko yandagara, uwo munsi wari watanguye neza cane, uwari amufitiye amahera y\u2019inzoga yamuhaye, yari yazindutse amuriha hanyuma n\u2019umwe mu bo bakorana yari yemeye kumukorera uwo munsi wose na we akaba yategekanya guca aruhuka neza. Ariko nta co yari yigeze yikeka kuri wa mugabo yamuriha n\u2019ubwo atashimye kumuvuga izina ngaha:<em> \u201c Isaha zine z\u2019igitondo nitavye iterefone y\u2019uwo mugabo nakunda kubona aho nkorera ambwira yuko hari ico akeneye kumbwira. Naciye ngenda ndamusanga ku murwa mukuru w\u2019intara ya Kirundo.\u201d<\/em><\/p>\n<p>Ashitse aho bavuganye ko bahurira, Goreti yaratangaye asanze wa mugabo yambaye neza, asa neza, maze wa mugabo aca amubwira ko yipfuza ko bosangira akarahuri k\u2019inzoga. Goreti mu ntango yumva ata vyo yokwemera ariko wa mugabo aguma amuryosharyosha ati ntiturenza akarahuri kamwe gusa. Mu mutima Goreti araheza yibwira ati :<em> \u201c Iyo bija hose\u00a0 nta kindi kintu nateguye gukora uyu munsi kandi n\u2019agacupa kamwe nta we kishe\u201d.<\/em>\u00a0\u00a0 Ng\u2019uyo wa mugabo amushize kw\u2019ipikipiki bagiye berekeza ahitwa\u00a0 Karobago ntihashikana ibirometero cumi uvuye ku murwa mukuru w\u2019intara ya Kirundo.<\/p>\n<p>Bahashitse nta bunywero nk\u2019ubwo yaramenyereye kubona yahasanze, ariko bahasanze inzu isanzwe bagiye mu kigo babona intebe nyishi zihari, hari ho n\u2019abandi bantu babiri umugabo n\u2019umugore bariko basangira inzoga mu bikombe.\u00a0 Wa mugabo azananye na Goreti aca amubwira ati: <em>\u201dUno munsi, ntituywa inzoga zo mu mahinguriro (Brarudi), tunywa inzoga kavukire\u201d<\/em>. Naho akayaga ko kuri ya pikipiki kari kamuciyeko, Goreti amaze kubona yuko aho hantu ahasanze uwundi mukenyezi ndetse akaza abona na nyeneho ni umugore nta kintu na kimwe yasubiriye kwinona. Agize gutya, aza abona bamuzaniye icupa ryuzuye\u00a0 no kubunwa inzoga isa n\u2019umuhondo hamwe n\u2019igikombe. Agize ngo arabaza ingene iyo nzoga yitwa, wa mugore nyene ubunywero aca amwishura ati: <em>\u201c Iyi twebwe tuyita inzoga gusa nta rindi zina ifise\u201d<\/em>.<\/p>\n<p>Goreti yumvise urwo rukanywa rusosagira, na we araheza ararukamagira ata co yinona kandi yumva rumuryohera. Ntiyigeze amenya yuko amaze kunywa amacupa abiri yose. Yaravye isaha aho zigeze asanga ni isaha icumi n\u2019imwe z\u2019umuhingamo, nta kindi kintu na kimwe yasubiriye kwibuka.<\/p>\n<p><strong>Akabi kabishe<\/strong><\/p>\n<p>Bukeye bwaho yikanguye isaha icumi na zibiri z\u2019igitondo asanga\u00a0 ari mu nzu iriko irubakwa ku murwa mukuru w\u2019intara ya Kirundo, agahuzu kiwe ko munsi katabutse, ikanzu na yo idugije gushika haruguru y\u2019ikibero. Ntiyamenye ivyo ari vyo, yavyukanye iseseme ntangere ntiyashobora no guhagarara neza. Aca arandara agenda ari kwega aja iwe kuryama , amaso y\u2019abanyakirundo bazindutse nta co yamubwira kuko ntiyari bwatore akenge neza.\u00a0\u00a0 Mu nyuma yaricujije avuga ati : <em>\u201cIyo mba nari mfise ubwenge bukwiye nari gutaha ndabundabunda\u201d<\/em>.<\/p>\n<p>Kukaba nkako, iyo abimenya yari kwihisha mu gutaha kuko Kirundo ni hato kuburyo n\u2019imbere yuko inzoga zimuvako abamuzi bose harimwo na sebuja bari bamaze kumenya ko yaraye mu nzu ikiriko irubakwa.\u00a0 Yahamagawe kuri ngedanwa abwirwa ko yakuwe mu kazi akiri mu bitirotiro bivanze n\u2019akaborerwe katari bwa muheremwo neza. Abonye\u00a0 ukwezi kurenze atagiye mu butinyanka yahavuye yiyumvira\u00a0 kuja kwisuzumisha kwa muganga ngo arabe yuko atoba afise imbanyi. Aronse inyishu y\u2019igipimo, yasanze koko yibungenze ariko wa mugabo yaja kumugurira inzoga igihe aca afatwa, yamwamiririye kure\u00a0 akibimubwira. Goreti ati: <em>\u201c Uwo mugabo yari yarondeye n\u2019ivyabona vyiwe vyaje kumusurira,\u00a0 yaremeje\u00a0 abantu bose ko uwo munsi nagiye nivumbuye kandi ko nagiye ntamusezeye. Siniriwe ndaharira kuko nta na kimwe nari ncibuka mu vyambayeko uwo munsi \u201d.<\/em><\/p>\n<p>Haciye amezi munani, Goreti yaciye avyara akana k\u2019agahungu\u00a0 katigeze kamenya se ariko kabeshejweho na nyina akora akazi ko gufasha guhereza ibikoresho vyo kwubaka inzu aho ziriko zirubakwa. Mu nyuma, Goreti yagiye kumenya yuko ya nzoga yasororerwa na wa mugabo ari inzoga bita <em>\u201cNindanyenze\u201d<\/em>. Iyo nzoga bayitaziriye uko kuko mu bakenyezi n\u2019abigeme bose bayinyoye nta n\u2019umwe yigera amenya ivyamubayeko uretse ko batora akenge bose impuzu zabavuyeko.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ku murwa mukuru w\u2019intara ya Kirundo, izina rya Goreti ryaramenyekanye nabi, ivyo bikaba vyatanguye kuva mw\u2019ijoro riraho ryo mu kwezi\u00a0 kwa myandagaro mu 2016. Uwo muzezwanzu w\u2019imyaka 30 nta n\u2019umwe yari bwigere yibaza ko yocitse iciro ry\u2019umugani kubera utuyoga. Goreti benshi bazi kw\u2019izina rya Gogo, yaje mu Kirundo gukora mu bunywero avuye i Nyanza Lac. [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":8,"featured_media":3417,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[266],"coauthors":[41],"class_list":["post-3413","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-inzoga"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3413","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/8"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3413"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3413\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3462,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3413\/revisions\/3462"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3417"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3413"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3413"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3413"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3413"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}