{"id":3400,"date":"2019-07-05T14:52:04","date_gmt":"2019-07-05T12:52:04","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3400"},"modified":"2019-07-15T19:25:00","modified_gmt":"2019-07-15T17:25:00","slug":"bwira-mugenzi-wawe-uti-birakomeye-udukingirizo-twabuze-mu-gisagara-ca-bujumbura","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/bwira-mugenzi-wawe-uti-birakomeye-udukingirizo-twabuze-mu-gisagara-ca-bujumbura\/","title":{"rendered":"Bwira mugenzi wawe uti birakomeye: udukingirizo twabuze mu gisagara ca Bujumbura"},"content":{"rendered":"<p><strong>Mu gihe ngo haheze indwi zibiri zirenga hibonekeza ubukene bw\u2019udukingirizo mu bibanza busanzwe budandarizwamwo mu gisagara ca Bujumbura, bamwe mu rwaruka bakunze kutwikorako iyo vyacanganye baridodomba bakibaza ingene bagiye kubikika ngo mu gihe ubu hasigaye haboneka ubw\u2019abifise gusa&#8230;<\/strong><\/p>\n<p>Erega iyo uriko uravyumva ku matwi bivugangwa ko udukingirizo twabaye umuzi w\u2019ibuye wogira ngo n\u2019ibimwe vy\u2019urwaruka rutabura ivyo ruterako inkuru. Hari igihe uza wumva bavuganira muri za ndimi zabo ngo: <em>\u201cErega wangu kuza muri iyi minsi ntibigikunda\u201d.<\/em> Abandi na bo ukumva ngo: <em>\u201cAmenyo ntakiboneka\u201d<\/em>, utababayemwo canke ngo ubisiguze ntutora ikivuzwe.<br \/>\nIyo ubajije impamvu amenyo atakiboneka kandi baseka ukayabona, bararabana bakitwengera, ariko bakanduruka bakubwira ko aho bahora bakura udukingirizo, haheze indwi zirenga zibiri ata n\u2019ako gucisha inzira bakinoba. Kukabankako, burya uza kwemera ko inkuru ari impamo wishikiye mu bibanza bakunda kuburondereramwo canke kubuguriramwo.<\/p>\n<p>Edson (izina ryahinduwe), ni umwe mu rwaruka bidoga ko haheze iminsi agakingirizo \u2018Class\u2019 atawugaca uruyambu mu gihe arinako gahurumbirwa n\u2019urwaruka kuko kazimbutse. Akemeza ko gafasha cane abadafise amikoro yo kugura ubuzimvye bwo busigaye buboneka kw\u2019isoko. Agira ati: <em>\u201cTwese turakuze ntamwana arimwo kandi si ikinyegezwa, hari igihe bishika ugasanga urakikozeko. Ariko ubu umushitsi arakugendera bigaherera kurabana mu maso gusa kuko bigoye kwikura amafaranga 3.000 Fbu canke 4.000 Fbu ngo uguze agafuko. Uca uhitamwo gutekereza\u201d.<\/em><\/p>\n<p><strong>Ababudandaza bo babivugako iki?<\/strong><\/p>\n<p>Erega ngo burya n\u2019udukingirizo turi kune turi gutanu! Ngo hari agakingirizo gasanzwe ngo hamwe n\u2019akandi gafise akanovera. Ako rero uwakambaye ntiyipfuza kukambura, ngo kandi n\u2019uwo akanovera kaciyemwo ntakandi yogutuma iyo rwambikanye.<br \/>\nMichel Kariwabo akora muri \u2018Pharmacie Internationale\u2019 iri mu gisagara ca Bujumbura, akaba yemeza ko udukingirizo \u2018Class\u2019 dusanzwe dukunzwe cane n\u2019urwaruka kubera tuzimbutse, ariko ngo bamaze iminsi bataronka neza utwo babaha kubera tutakiboneka. Ngo ubu hasigaye udukingirizo tuzimvye urwaruka rutifise rutoturukira. Utwo natwo ni nka &lsquo;Longlast&rsquo; hamwe na &lsquo;Innotex&rsquo;.<\/p>\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\">\n<p lang=\"fr\" dir=\"ltr\">Pour la coop\u00e9ration n\u00e9erlandaise au <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a>, &quot;l&#39;usage des pr\u00e9servatifs contribue \u00e0 la pr\u00e9vention des grossesses et des maladies, et reste une opportunit\u00e9 de d\u00e9m\u00e9dicalisation et d\u00e9sengorgement des structures de sant\u00e9&quot; <a href=\"https:\/\/t.co\/6GCz0gTDbT\">pic.twitter.com\/6GCz0gTDbT<\/a><\/p>\n<p>&mdash; Jimbere (@JimbereMag) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1112782912431316992?ref_src=twsrc%5Etfw\">April 1, 2019<\/a><\/p><\/blockquote>\n<p><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script><\/p>\n<p>No mur&rsquo;imwe mu ma \u2018Pharmacie\u2019 ari mu Nyakabiga, umukozi ahakora yamenyesheje ko udukingirizo two mu bwoko bwa \u2018Class\u2019 haheze indwi zirenga zibiri ataduhari kuko aho baturangurira naho twahakenye. Ariko nawe akamenyesha ati: <em>\u201cUdukingirizo tuboneka ni utuzimvye abatifise ntibaduhangara, urwaruka rutoruto rurondera Class ruraza rugasubira inyuma rutaturose\u201d.<\/em><\/p>\n<p><strong>Muri PSI bati \u00ab\u00a0Tenyenya\u00a0\u00bb<\/strong><\/p>\n<p>Mw\u2019ishirahamwe risanzwe rigurisha utwo dukingirizo two mu bwoko bwa <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/tube.class.7\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener noreferrer\">\u2018Class\u2019 PSI<\/a> bavuga ko na bo bavyumva bica ku mbuga ngurukanabumenyi ko bagiye kubisuzuma neza barabe ko arivyo, inkuru irambuye yiyo nkuru bazoyishikiriza hanyuma bamaze kubisuzuma neza.<\/p>\n<p>Kubera ko udukingirizo dusanzwe dufatiye runini urwaruka eka mbere n\u2019abubakanye haba mu kwikingira indwara zandukira ziciye mu bihimba vy\u2019irondoka, gukinga inda zitipfujwe harimwo no gutandukanya imvyaro, birakwiye ko utwo dukoresho twamaho kandi tugatangwa ku giciro catwo.<br \/>\nVyagaragaye ko naho udukingirizo &lsquo;Class&rsquo; twoba tugisigaye twaduze tuva ku mafaranga 300 Fbu dusimbira ku 1000 Fbu n\u2019ayarenga.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe ngo haheze indwi zibiri zirenga hibonekeza ubukene bw\u2019udukingirizo mu bibanza busanzwe budandarizwamwo mu gisagara ca Bujumbura, bamwe mu rwaruka bakunze kutwikorako iyo vyacanganye baridodomba bakibaza ingene bagiye kubikika ngo mu gihe ubu hasigaye haboneka ubw\u2019abifise gusa&#8230; Erega iyo uriko uravyumva ku matwi bivugangwa ko udukingirizo twabaye umuzi w\u2019ibuye wogira ngo n\u2019ibimwe vy\u2019urwaruka rutabura [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":3407,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[261],"coauthors":[189],"class_list":["post-3400","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-udukingirizo"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3400","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3400"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3400\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3408,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3400\/revisions\/3408"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3407"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3400"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3400"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3400"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3400"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}