{"id":3373,"date":"2019-07-03T11:25:47","date_gmt":"2019-07-03T09:25:47","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3373"},"modified":"2019-07-03T11:25:47","modified_gmt":"2019-07-03T09:25:47","slug":"mu-rutana-bati-muraduciriye-inzira-yo-kurwanya-amacakubiri","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/mu-rutana-bati-muraduciriye-inzira-yo-kurwanya-amacakubiri\/","title":{"rendered":"Mu Rutana bati \u00ab\u00a0Muraduciriye inzira yo kurwanya amacakubiri\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"<p><strong>Kw\u2019igenekerezo rya 28 Ruheshi, \u00ab Abakenyezi b\u2019intwari bibagiwe \u00bb bishikiye mu ntara ya Rutana. Abatware n\u2019abatwarwa barakengurutse cane. Biyemeje kubafatirako akarorero.<br \/>\n<\/strong><br \/>\n<em>\u00ab Uyu muntu ndamuzi hehe ga basha? Ubwo si ku mboneshakure?\u00bb<\/em> Ivyo ni vyo abantu bamwebamwe babazanya babonye umupfasoni Christine Ntahe yanditse igitabo \u00ab Abakenyezi b\u2019intwari bibagiwe \u00bb. Eka mbere n\u2019abamuramutsa imbere y\u2019igihe canke arenganye, warabona ko hari abaryana inzara bavugana mu bwongoshwa. Kanatsinda bari bamuzi cane mu kiganiro c\u2019abana \u00ab Tuganirize ibibondo \u00bb.<\/p>\n<p>Uko abantu barengana kuva ku mutaga, ni ko bibaza ibintu bihava bibera mu kibanza c\u2019ahahoze isoko yo ku murwa mukuru wa Rutana. Bumva ivyuma biduza amajwi bisamiriza ko ico gitabo kiriko kirakwira igihugu cose. Ku ruhande rwo mu buraruko bw\u2019ico kibanza, hari hamanitse igitambara kivuga ico gikorwa. Abaciye ngaho ntibamenya neza ivyo ari vyo.<br \/>\nAbandi bantu na bo baratangarira umupfasoni Mariam Ndayisenga, yitwikiriye wese umwambaro w\u2019abisiramu, ku buryo wabona amaso na yo nyene ari mu marori asanzwe yambara.<\/p>\n<p>Ntawari kwibaza ko avuga ikirundi neza n\u2019imigani myinshi ukuri hano. Urubanza rwahavuye rutangura ku muhingamo, n\u2019uwarengana agaca aza mu bandi agatega amatwi.<br \/>\nIkiganiro cuguruwe n\u2019umupfoni yaserukiye uwurongoye Ikigo kijejwe iterambere ry\u2019ingo n\u2019imiryango (CDFC) mu Rutana. Na we yarashimiye cane abo bakenyezi, akenguruka kubona bishikiye muri iyo ntara. Yaciye asaba abari ngaho bose kubatega yompi.<br \/>\nAbapfasoni Rejina Nimbere na Mariam Ndayisenga, baronse akaryo ko gushinga intahe, maze Christine Ntahe akaza arabunganira yongera aha amajambo abafise ico bashikiriza.<\/p>\n<p><strong>\u00ab\u00a0Iconona ntikiba kinini\u00a0\u00bb<\/strong><\/p>\n<p>Izo mboneza z\u2019abakenyezi bamaze gufata ijambo, umwe wese yabaciriye ku mayange ico yamaze guharanira amahoro mu buryo budasanzwe. Na vyo bisanzwe biri muri nya gitabo. Rejina Nijimbere asanzwe ari Umututsikazi wo muri komine Ruhororo mu ntara ya Ngozi. Yabayagiye amakuba yaciyemwo bagatana n\u2019Abahutukazi bahoze basangira akabisi n\u2019agahiye kubera urwimo rwo mu 1993. Mugabo rero ngo yahavuye arugoma inda ariroha aja kurondera yinyegeje Abahutukazi basigaye mu mihana yabo. Ivyo ngo vyarashobotse kugeza aho abateshejwe izabo n\u2019abasigaye mu mihana yabo bagize ishirahamwe. Gutyo ngo batangura gutunganiriza hamwe ibikorwa, babona kunywana.<\/p>\n<div id=\"attachment_3375\" style=\"width: 1010px\" class=\"wp-caption alignnone\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" aria-describedby=\"caption-attachment-3375\" class=\"wp-image-3375 size-large\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Christine-Ntahe-nabo-bari-bagendanye-1024x683.jpg\" alt=\"\" width=\"1000\" height=\"667\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Christine-Ntahe-nabo-bari-bagendanye-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Christine-Ntahe-nabo-bari-bagendanye-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Christine-Ntahe-nabo-bari-bagendanye-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Christine-Ntahe-nabo-bari-bagendanye.jpg 1500w\" sizes=\"auto, (max-width: 1000px) 100vw, 1000px\" \/><p id=\"caption-attachment-3375\" class=\"wp-caption-text\"><em><strong>Christine Ntahe n&rsquo;abo bari bagendanye<\/strong><\/em><\/p><\/div>\n<p>Yaciye atumirira abanyarutana kubumbatira amahoro mu kurwanya icoza kibatandukanya cose ngo bakirandurane n\u2019imizi. Ati : \u00ab\u00a0<em>Erega icononera abantu ntikiba kinini kandi n\u2019umuti uva aho nyene. Mwirinde rero amacakubiri uko ari kwose.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n<p>Mariam Ndayisenga amaze gufata jambo yaciye yipfukura mu maso maze baramubona. Nk\u2019<a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-christine-ntahe-i-makamba-biyemeje-kwisunga-abakenyezi-bintwari-bibagiwe\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener noreferrer\">uko yabigenjeje i Makamba<\/a>, yahamagara abantu akababaza ubwoko bwabo, akababaza ingene babimenye. Bo bamwishura ko ari ivyo bababwiye. Na we agaca abafatiraho ati : <em>\u00ab\u00a0Kubera iki none abantu bapfa ubwoko ? Murashobora gupfa ivyo bababwiye? Ntimusubire. Ubwoko bw\u2019umwana bumenywa na nyina noneho.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n<p><strong>Igitabu n&rsquo;ikiyago bitanga isomo<\/strong><\/p>\n<p>Yanababwiye ko uwuzohirahira akica uwundi azoba yihoneje we nyene, kuko uravye mu mbonero y\u2019uwundi, ni wewe nyene wibonamwo. Aho yari ahejeje kubabwira ngo barabane mu mu jisho. Baca bamubwira ko baryibonyemwo.<br \/>\nAbari ngaho, barakengurutse. Umupfasoni Eug\u00e9nie Kabura ati: <em>\u201cMurakoze cane. Mu Rutana dusanzwe dufatanye mu nda nta macakubiri aharangwa turamariranira. Mugabo rero ibiganiro nk\u2019ibi bikomeza umubano mwiza, amahoro agatsimbatara.\u201d<\/em><\/p>\n<p>Naho biri uko inyishu zari zitandukanye. Uwitwa Annick Niragira bamubajije ico azokora kugira ngo arwanye amacakubiri yavuze ko azokora ibikorwa rusangi. Uko bafata ijambo, abanyarutana barakenguruka. Salvator Ndereyimana, yamenyesheje ko ico akuyemwo ari ugutsimbataza amahoro n\u2019urukundo aho abaye. Ati: <em>\u201cNdakengurutse cane muragahora uko.\u201d<\/em><\/p>\n<p>Lambert Niyongabo batazira ;Ruzyori&rsquo; na we yemeye ko ico bagiye gukora ari ukurwanya amacakubiri uko ari kwose, kandi ngo n\u2019uwuzobazanamwo bazomwiyamiriza bivuye inyuma. Ati: <em>\u201cMuraduhaye inzira yo kurwanya amacakubiri\u201d<\/em><\/p>\n<p>Mu gusozera, umuhanuzi wa Buramatari ajejwe imibano n\u2019imico kama yarakengurutse cane. Ati: \u201c<em>Uyu mupfasoni turamuzi cane kera ku mboneshakure. None tumwiboneye mu ntara yacu. Turashimye ikiyago. Turakengurutse ubu butumwa bwo kubumbatira amahoro. Mubukwize hose kandi turasavye muze mufate akandi kanya mugaruke aha mu Rutana.\u201d<\/em><\/p>\n<p>Nk\u2019uko vyagenze n\u2019ahandi, abagize ico bashikirije barahawe udushimwe tugizwe n\u2019ibitenge, amakaye , iitabo, udupira n\u2019ibindi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kw\u2019igenekerezo rya 28 Ruheshi, \u00ab Abakenyezi b\u2019intwari bibagiwe \u00bb bishikiye mu ntara ya Rutana. Abatware n\u2019abatwarwa barakengurutse cane. Biyemeje kubafatirako akarorero. \u00ab Uyu muntu ndamuzi hehe ga basha? Ubwo si ku mboneshakure?\u00bb Ivyo ni vyo abantu bamwebamwe babazanya babonye umupfasoni Christine Ntahe yanditse igitabo \u00ab Abakenyezi b\u2019intwari bibagiwe \u00bb. Eka mbere n\u2019abamuramutsa imbere y\u2019igihe canke [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":34,"featured_media":3376,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[236],"tags":[254,253],"coauthors":[237],"class_list":["post-3373","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-abakenyezi-bintwari-bibagiwe","tag-christine-ntahe","tag-rutana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3373","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/34"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3373"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3373\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3377,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3373\/revisions\/3377"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3376"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3373"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3373"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3373"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3373"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}