{"id":3368,"date":"2019-07-03T10:37:36","date_gmt":"2019-07-03T08:37:36","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3368"},"modified":"2019-07-15T19:24:43","modified_gmt":"2019-07-15T17:24:43","slug":"impapuro-umutsindo-kaminuza-burundi-ikibazo","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/impapuro-umutsindo-kaminuza-burundi-ikibazo\/","title":{"rendered":"Kuber&rsquo;iki impapuro z\u2019imitsindo kuri Kaminuza y\u2019Uburundi zidatangwa ku gihe kuri bose?"},"content":{"rendered":"<p><strong>Mu gihe abanyeshure bamaze imyaka ibiri n\u2019iyirenga bahejeje amashure yabo ya kaminuza y\u2019Uburundi bidoga ko batararonswa impapuro z\u2019imitsindo zabo, umuyobozi w\u2019inyigisho mur&rsquo;iryo shure ryisumbuye Paul Hakizimana aratanga umuco w\u2019ico bivako ku bo zatevye gusohoka kuko ngo zidateba kuri bose.<\/strong><\/p>\n<p>Richard ni umwe mu bahejeje kwiga. Amaze imyaka itatu ahejeje amashure kuri Kaminuza y\u2019Uburundi. Yidoga avuga ko yabuze amahigwe y\u2019akazi inyuma yo gusimbira mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya gupagasa kuko ngo agashomeri kari kamurembeje. Ico gihe yagenda, ngo yagiye yitwaje urupapuro ruhabwa abahejeje amashure ya Kaminuza ivy\u2019imfatakibanza rwemeza ko yahejeje. Agira ati: <em>\u00ab\u00a0Nagize ntya aho nari mperereye numva bakeneye abakozi indwi. Twakoze ikibazo turi abantu ijana. Nabaye uwa kabiri. Badutumye impapuro z\u2019imitsindo, nanje nikora kwa rwa rupapuro nitwaza, n\u2019umunezero udasanzwe nibwira nti kiraciyemwo. Ariko siko vyagenze kuko nasanze hanze batarwerekwa. Akazi kaba kanciye mu myanya y\u2019intoke.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n<p>Pascal we ngo imyaka ibiri iraheze yiruka ku rupapuro rw\u2019umutsindo, ngo yijabukire kubandaniriza amashure yiwe hanze. Ariko ngo uko aja kurondera urwo rupapuro yama abwirwa ko zitarashirwako imikono n\u2019inzego zibijejwe, agasubira inyuma uko yagiye. Agasaba ko umugwi ubijejwe woshiramwo agatege ngo kuko ukudatanga impapuro z\u2019imitsindo ku gihe bitesha amahirwe ababa bahejeje ndetse bikanabugarira imiryango kuko ngo urupapuro bahabwa rw\u2019imfatakibanza hanze y\u2019igihugu baruha agaciro gato.<\/p>\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\">\n<p lang=\"fr\" dir=\"ltr\">???? <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a>: pourquoi les \u00e9tudiants du public re\u00e7oivent seuls le pr\u00eat-bourse, et pas ceux du priv\u00e9? <a href=\"https:\/\/t.co\/Y4LxlR1bXe\">https:\/\/t.co\/Y4LxlR1bXe<\/a> <a href=\"https:\/\/t.co\/ZflWAqA3YH\">pic.twitter.com\/ZflWAqA3YH<\/a><\/p>\n<p>&mdash; Jimbere (@JimbereMag) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1144135977423769600?ref_src=twsrc%5Etfw\">June 27, 2019<\/a><\/p><\/blockquote>\n<p><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script><\/p>\n<p><strong>Kuber&rsquo;iki bamwe ?<\/strong><\/p>\n<p>Umuyobozi ajejwe ivyigwa muri Kaminuza y\u2019Uburundi, Paul Hakizimana, avuga ko izo mpapuro zisohoka. Kimwe gusa, ngo hari aho kuri bamwe ziteba: <em>\u00ab\u00a0Umugwi ujejwe kwemeza ubwanyuma ko impapuro z\u2019umutsindo zisohoka ni umwe mu gihugu cose. Uwo mugwi ugenda uraca kw\u2019ishure rimwe rimwe, ku makaminuza ya Reta eka no mu yigenga ukagenda wihweza unemeza impapuro z\u2019umutsindo zigiye gusohoka.\u00a0\u00bb<\/em><br \/>\nNk\u2019uko uwo muyobozi abandanya abishikiriza, ngo bishitse uwo mugwi ugaca kw\u2019ishure kanaka, ushobora gusiga usinye ku mpapuro z\u2019imitsindo nke canke nyinshi bivanye n\u2019umwanya uba wabonetse kuko ngo hejuru y\u2019ico gikorwa, abagize uwo mugwi hari ayandi mabanga bajejwe.<\/p>\n<p>Ariko naho biri ukwo, Uwo muyobozi yemeza ko izo mpapuro z\u2019imitsindo zishobora gutangwa ivy\u2019imfatakibanza ku wurukeneye vyihuta, akariha amafaranga y\u2019amarundi angana ibihumbi 20.000 akaja mu kigega ca Kaminuza ariko akazorugarukana kugira ngo hashirweko ya mikono ya wa mugwi, agaheza akazogaruka kuyitora vyose vyatunganye. Yongerako, ati: <em>\u00ab\u00a0Hari n\u2019abanyeshure batinya kuza kuzitora kuko hari ivyo basize badatunganije.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n<p>Abahejeje amashure yabo rero ngo barakwiye guca aho bize bakaraba impapuro z\u2019umutsindo zabo ko zoba zaratunganijwe, uwuyikeneye vyihuta nawe ayitore ivy\u2019imfatakibanza aje kuyifotoza aheze ayigarukane kuko ngo birashoboka.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe abanyeshure bamaze imyaka ibiri n\u2019iyirenga bahejeje amashure yabo ya kaminuza y\u2019Uburundi bidoga ko batararonswa impapuro z\u2019imitsindo zabo, umuyobozi w\u2019inyigisho mur&rsquo;iryo shure ryisumbuye Paul Hakizimana aratanga umuco w\u2019ico bivako ku bo zatevye gusohoka kuko ngo zidateba kuri bose. Richard ni umwe mu bahejeje kwiga. Amaze imyaka itatu ahejeje amashure kuri Kaminuza y\u2019Uburundi. Yidoga avuga [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":3369,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[252],"coauthors":[231],"class_list":["post-3368","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-ub"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3368","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3368"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3368\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3374,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3368\/revisions\/3374"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3369"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3368"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3368"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3368"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3368"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}