{"id":3356,"date":"2019-06-28T13:43:28","date_gmt":"2019-06-28T11:43:28","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3356"},"modified":"2019-07-09T12:45:46","modified_gmt":"2019-07-09T10:45:46","slug":"burundi-christine-ntahe-i-makamba-biyemeje-kwisunga-abakenyezi-bintwari-bibagiwe","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-christine-ntahe-i-makamba-biyemeje-kwisunga-abakenyezi-bintwari-bibagiwe\/","title":{"rendered":"I Makamba biyemeje kwisunga \u00ab\u00a0Abakenyezi b\u2019intwari bibagiwe\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"<p><strong>Kw\u2019igenekerezo rya 26 Ruheshi, Igitabo \u00ab\u00a0Abakenyezi b\u2019intwari bibagiwe\u00a0\u00bb cari kigeze mu ntara ya Makamba. Abitavye bose barakenguruka, maze biyemeza kubumbatira amahoro mu matora Uburundi bwimirije.<br \/>\n<\/strong><br \/>\nAbanyamakamba barateze amatwi cane. Vyaragaragara ko ivyo bariko barumva ari inkoramutima. Abapfasoni, urwaruka n\u2019abagabo bari bitavye akamo batewe n\u2019abarongozi, mbere bakaguma bumva nya butumire ku nsamirizi. Kuva mu gatondo, baguma batereza akajijsho mu kigo vyabereyemwo kuko haguma hasamirana indirimbo zitandukanye, co kimwe n\u2019ubutumire bwerekeye ico gitabo.<\/p>\n<p>Kw\u2019ibarabara hafi y\u2019amasanganzira uva kw\u2019isengero katorika ugenda ku murwa mukuru, hari igitambara canditseko ibijanye n\u2019ico gitabo, hariko n\u2019ifoto ya Christine Ntahe yacanditse. Abarengana batabizi barabazanya. Uwubuze inyishu canke uwuyironse agaca yinjira kwirabira n\u2019ukwiyumviririza intahe z\u2019abakenyezi Mariam Ndayisenga wo mu Kinama ca Bujumbura na Rejina Nijimbere wo muri Ruhororo i Ngozi. Abo ni bamwe mu bakenyezi bavugwa muri ico gitabo.<\/p>\n<p>Umuhanuzi wa Buramatari wa Makamba ajejwe imibano n\u2019imico kama, yarahaye ikaze abo bashitsi, atumirira abo arongoye kubatega yompi no kugira icigwa bakuyemwo. Bano na bo badatevye baciye batangura. Christine Ntahe amaze kwerekana abo bakenyezi babiri bagendanye na we yaciye ababwira ko bofata ijambo. Ku bwa Roland Rugero arongoye ikinyamakuru Jimbere, ngo ni iteka ridasanzwe kubona ico kinyamakuru caratunganije ico gikorwa co kumenyekanisha ico gitabo mu gihugu cose. Uwo asanzwe ari umwanditsi ni na we yafashije umupfasoni Ntahe kuryohora ico gitabo. Akagira ati:<em> \u201cIkinyamakuru Jimbere citaho ahanini urwaruka n\u2019abakeneyezi. Ndatumiriye urwaruka kugira ico ruhakuye.\u201d<br \/>\n<\/em><br \/>\nUmwe wese yaraca ku mayange ingene yabaye mu rwimo rwo mu 1993, n\u2019ico yamaze mu guharanira amahoro aho abaye.<\/p>\n<div id=\"attachment_3358\" style=\"width: 721px\" class=\"wp-caption alignright\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" aria-describedby=\"caption-attachment-3358\" class=\"wp-image-3358 \" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/06\/Uva-i-bubamfu-uja-uja-i-buryo-Rejina-Nijimbere-Mariam-Ndayisenga-Christine-Ntahe-n\u2019umuhanuzi-wa-Buramatari-1024x683.jpg\" alt=\"\" width=\"711\" height=\"474\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/06\/Uva-i-bubamfu-uja-uja-i-buryo-Rejina-Nijimbere-Mariam-Ndayisenga-Christine-Ntahe-n\u2019umuhanuzi-wa-Buramatari-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/06\/Uva-i-bubamfu-uja-uja-i-buryo-Rejina-Nijimbere-Mariam-Ndayisenga-Christine-Ntahe-n\u2019umuhanuzi-wa-Buramatari-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/06\/Uva-i-bubamfu-uja-uja-i-buryo-Rejina-Nijimbere-Mariam-Ndayisenga-Christine-Ntahe-n\u2019umuhanuzi-wa-Buramatari-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/06\/Uva-i-bubamfu-uja-uja-i-buryo-Rejina-Nijimbere-Mariam-Ndayisenga-Christine-Ntahe-n\u2019umuhanuzi-wa-Buramatari.jpg 1080w\" sizes=\"auto, (max-width: 711px) 100vw, 711px\" \/><p id=\"caption-attachment-3358\" class=\"wp-caption-text\"><em><strong>Uva i bubamfu uja i buryo: Rejina Nijimbere, Mariam Ndayisenga (ariko arashinga intahe), umuhanuzi wa Buramatari hamwe na Christine Ntahe<\/strong><\/em><\/p><\/div>\n<p><strong>\u201cUkica canke ugatoteza uwundi uzoba wiyishe wewe nyene\u201d<\/strong><\/p>\n<p>Imbere ya vyose, Mariam Ndayisenga yasavye umwe wese kuraba mu jisho ry\u2019uwo bicaranya. Aca ababaza ico babonye mu mbonero. Inyishu yabaye imwe: <em>\u201cNibonyemwo. Nabonye ishusho yanje.\u201d<\/em> Yaciye yogera aho nyene abamenyesha ko kizira kwica. Yabagiriye ku muriri ingene ari mu bakenyezi ba mbere bafashe inkoho bakaja mu migwi irwana, ababwira ko yakimarishije amaguru ari umurwanyi wa FDD. Mu nyuma yahavuye nyabuna atanguza irerero ry\u2019impfuvyi, yakira abana b\u2019Abahutu n\u2019Abatutsi. Ati: <em>\u201cNagiye mw\u2019ishamba guhabuza demokarasi, sinafashe ibigwanisho ngo ntoteze ubwoko. Haba na mba\u201d!<\/em><\/p>\n<p>Yarasubiriye ahagurutsa abagore babiri mu bari ngaho. Abaza umwe wese ubwoko bwiwe. Umwe yavuze ko ari Umuhutukazi, uwundi na we ari Umututsikazi. Aca abaza ati: <em>\u201cWabibwiwe na nde?\u201d<\/em> Inyishu yabaye: <em>\u201cNi ko bambwiye\u201d<\/em>. Nya mupfasoni aca abwira abari ngaho ati: <em>\u201cMurumvise ko umwe wese ubwoko twitwaza ko ari ivyo bamubariye? Ntihagire uwupfa ubwoko n\u2019uwundi. Ubwo bwoko witwa ko ukukira hari naho baguhenze. Ntimusubire gupfa ivyo bababwiye rero.\u201d<\/em><\/p>\n<p>Rejina Nijimbere na we yamenyesheje abari ngaho amakuba baciyemwo muri komine ya Ruhororo. Abakenyezi baho ngo bari bahurikiye mw\u2019ishirahamwe UFB yari arongoye, urwimo ruteye baratana. Abahutukazi basigaye mu mihana, Abatutsikazi na bo baja mu makambi y\u2019abateshejwe izabo. Haheze igihe kinini, ngo yigiriye inama yo kurondera ba bakenyezi b\u2019Abahutukazi yinyegeje, kuko carazira ko abateshejwe izabo bahonyoza ikirenge mu mihana bahozemwo. N\u2019abasigaye mu zabo ntibegera ahaba abaziteshejwe.Baca bicwa. Wewe rero yarahavuye arabishikako, maze muri Ruhororo bahava basubira kugenderanira bigoranye cane mugabo birakunda babicishije mu mashirahamwe.<br \/>\nNa we nyene yabatumiriye kubumbatira amahoro, kwirinda indyane zifatiye ku migambwe. Muri aya matora buca aba.<\/p>\n<p><strong>\u201cNzobibwira abana banje, na bo babibwire abandi, bikwire hose\u201d<\/strong><\/p>\n<p>Abari ngaho baranyuzwe cane. Vyaragaraye cane hageze ko umwe wese avuga icigwa yakuyemwo. Hafi bose baguma bagaruka ku bihe vy\u2019amatora Uburundi buzojamwo mu mwaka uza. Umupfasoni P\u00e9lagie Ntegampawe ati: <em>\u201c Ico nkuyemwo ni urukundo. Amahoro na yo ava mu nzu. Ivyo nkuyemwo rero nzovyigisha abana banje. Na bo bazokwigisha abandi, abo bandi nyene bigishe abandi, maze urwo rukundo n\u2019amahoro bikwire hose.\u201d<\/em><\/p>\n<p>Abari aho bose, baba abakora imirimo itandukanye canke abirimizi, bamukomeye amashi. Ivyo vyaravuzwe kandi na D\u00e9vote Kampimbare Ngo agiye guharanira amahoro ahereye aho abaye mu gihe c\u2019amatora. Umusore Elimas Niyukuri na we yiyemeje gukwiragiza amahoro aho azoshika hose akurikije ico yabwiwe na Mariam Ndayisenga co kurabana mu jisho.<br \/>\nAbafashe amajambo bose, haba abo bakenyezi b\u2019imboneza canke abari bitavye akamo, Christine Ntahe yaza arabunganira.<br \/>\nHari abagomba kuvuga ko ata buhutu n\u2019ubututsi buriho, mugabo uwo mupfasoni yarababwira ko ico atari co cabazanye. Nyabuna ivyo ntibabipfe, kuko ata shure, ivomo, ivuriro cane isoko y\u2019ubwoko bumwe iriho.<\/p>\n<p>Abagize ivyo bashikirije bararonse udushimwe tugizwe n\u2019ibitenge, udupira, amakaye n\u2019ibindi. N\u2019abatari bake mu bari aho bararonse ico gitabo. Vyaragaragara ko atawarambiwe, ubona ko ata n\u2019izuba ryari rihari. Banasavye ko abo bakenyezi bosubira kubagendera.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kw\u2019igenekerezo rya 26 Ruheshi, Igitabo \u00ab\u00a0Abakenyezi b\u2019intwari bibagiwe\u00a0\u00bb cari kigeze mu ntara ya Makamba. Abitavye bose barakenguruka, maze biyemeza kubumbatira amahoro mu matora Uburundi bwimirije. Abanyamakamba barateze amatwi cane. Vyaragaragara ko ivyo bariko barumva ari inkoramutima. Abapfasoni, urwaruka n\u2019abagabo bari bitavye akamo batewe n\u2019abarongozi, mbere bakaguma bumva nya butumire ku nsamirizi. Kuva mu gatondo, baguma [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":34,"featured_media":3357,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[236],"tags":[250],"coauthors":[237],"class_list":["post-3356","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-abakenyezi-bintwari-bibagiwe","tag-makamba"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3356","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/34"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3356"}],"version-history":[{"count":7,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3356\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3456,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3356\/revisions\/3456"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3357"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3356"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3356"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3356"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3356"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}