{"id":3342,"date":"2019-06-13T10:36:14","date_gmt":"2019-06-13T08:36:14","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3342"},"modified":"2019-06-30T11:45:02","modified_gmt":"2019-06-30T09:45:02","slug":"burundi-indero-twobivuga-gute","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-indero-twobivuga-gute\/","title":{"rendered":"Twobivuga gute?"},"content":{"rendered":"<p>Kuryamana n\u2019umwigisha kugira uronke amanota. Guhitamwo kwikurako ubuntu kugira ntusibire mw\u2019ishure\u2026 ivyo bintu rero nimba bibaho mu mashure y\u2019intango na za Kaminuza yo ngaha na y\u2019ahandi, ntivyoroshe kumenya, kugira amatohoza ndetse n\u2019iyo hageze kurondera intahe z\u2019abovyemanga, ntibaboneka, ngo tudome urutoke kuri izo nkuru zibera mu mashushure, aho keshi zivugirwa mu ntamatama, kuko usanga atakizemeza eka mbere ata n\u2019ikizibeshuza.<\/p>\n<p>Uburyo bwo <em>kwideribera<\/em>, ni imvugo ikoreshwa mu Kirundi yakuwe mu rivuga ry\u2019igifaransa <em>se d\u00e9lib\u00e9rer<\/em>, ikaba ari imvugo ikoreshwa mu gukuraho inzitizi zose zova mu ngingo zofatwa n\u2019inama y\u2019abigisha kugira abanyeshure bafise ingorane y\u2019ukwunguruzwa mw\u2019ishure iveho, ivyo bikaba ku bigeme bahitamwo kuryamana n\u2019umwe mu bigisha kugira bunguruzwe. Hari ibintu vyibonekeza iyo hari abashaka gukora ico gikorwa c\u2019urukoza soni: uhitamwo gusibira hagakurikizwa amategeko y\u2019ishure bafatiye ku manota wagiye uraronka mw\u2019ishure canke ugahitamwo kwunguruzwa ariko ubanje kugira ico ukoze, ukemera kwishikana ubikuye ku mutima kuko witangira ico ushaka kuronka\u2026<\/p>\n<p>Ugufata minenerwe ico gikorwa co kwideribera binyegeje ubugizi bwa nabi butagira izina (ababirwamwo kenshi usanga ari abana bakiri bato), ikibabaje nuko iyo ivyo vyashitse hari abavyeyi bagerageza kuvyorosha barikumwe n\u2019umurezi hamwe n\u2019umurerwa, maze bakerekanako uwo mwigeme ariwe yiyanjanjweko. None ubwo abigeme nibo gusa boba baryamana n\u2019abigisha kugira baronke amanota, canke n\u2019abahungu boba babikora, ku bahungu ivyo ntibivugwa, ni kumwe ubusambanyi ku bahungu buba akamizwe n\u2019ingoma\u2026<\/p>\n<p>Mu vyukuri, ntivyoroshe kubimenya. M\u00e9lanie Niyonzima, umuhanuzi mu bahagarariye igitsina, mu bushikiranganji bw\u2019indero ku gwego rw\u2019igihugu, yemeza ko bigoye gukuraho uwo mugirwa wo gutanga amanota biciye mu kuryamana n\u2019abarerwa, kuko ngo \u201c<em>ni ibintu bibera mu mpisho,<\/em> <em>kenshi na kenshi n\u2019iyo bishitse hakagira abagirizwa ico gikorwa kigayatse baca bihutira guha igifukamunwa abayobozi b\u2019amashure\u201d.<\/em><\/p>\n<p>Ariko ntaco bitwaye: birakwiye ko Jimbere ibivuga, mu rukurikirane rw\u2019inkuru zivuga ibijanye n\u2019umwigeme mu Burundi igiye kuzosohora mu minsi mike iri mbere.<\/p>\n<p>&nbsp;<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuryamana n\u2019umwigisha kugira uronke amanota. Guhitamwo kwikurako ubuntu kugira ntusibire mw\u2019ishure\u2026 ivyo bintu rero nimba bibaho mu mashure y\u2019intango na za Kaminuza yo ngaha na y\u2019ahandi, ntivyoroshe kumenya, kugira amatohoza ndetse n\u2019iyo hageze kurondera intahe z\u2019abovyemanga, ntibaboneka, ngo tudome urutoke kuri izo nkuru zibera mu mashushure, aho keshi zivugirwa mu ntamatama, kuko usanga atakizemeza eka [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":0,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[249],"tags":[],"coauthors":[34],"class_list":["post-3342","post","type-post","status-publish","format-standard","hentry","category-ijambo-ryibanze"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3342","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3342"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3342\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3353,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3342\/revisions\/3353"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3342"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3342"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3342"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3342"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}