{"id":3320,"date":"2019-07-04T17:42:49","date_gmt":"2019-07-04T15:42:49","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3320"},"modified":"2019-07-04T17:42:49","modified_gmt":"2019-07-04T15:42:49","slug":"intambamyi-abakenyezi-bagira-ku-bijanye-namatongo","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/intambamyi-abakenyezi-bagira-ku-bijanye-namatongo\/","title":{"rendered":"Intambamyi abakenyezi bagira ku bijanye n&rsquo;amatongo"},"content":{"rendered":"<p><strong>Mu mico n\u2019imigenzo y\u2019ikirundi ugutorana itongo vyamye bikumira umukenyezi canke umukobwa. Umukobwa ntiyigera atorana kwa se wiwe. Kuva kera na rindi, ibijanye n\u2019ugutorana ntivyigeze bihinduka, nta muco vyigeze bijamwo kandi hari abakibona yuko harimwo n\u2019akarenganyo. <\/strong><\/p>\n<p>Abakurambere bati <em>\u00abNtamwana n\u2019ikinono\u00bb. A<\/em>riko uwo mwibutsa ntiwigeze ushirwa mu ngiro mu bijanye n\u2019ugutorana mu matongo.<\/p>\n<p>Imbere y\u2019ivyo twobanza kwerekana agaciro k\u2019itongo mu mico y\u2019ikirundi. Abarundi bamye bakunda cane itongo kandi bakavyerekana. Itongo barazwe na basekuru, itongo rishinguwemwo ababo, itongo ribafasha kugumana ubuntu bwabo, itongo bahanahana hagati y\u2019abana b\u2019abahungu bavutse mu muryango umwe&#8230;<\/p>\n<p>Itongo ni ikintu umurundi wese w\u2019umutima yiyumvamwo. Ni naho kenshi wumva aba n\u2019abandi bavuga bati jewe harya ni ho nataye uruzogi. Itongo kandi hari abarifata nk\u2019iry\u2019umuryango. Ugasanga umuryango runaka wiharije umusozi ugasanga iryo tongo ni ryo buraro n\u2019uburamuko bafise.<br \/>\nBisigura ko itongo ry\u2019umuryango ryegukira abari mu muryango wa se rugo.Mu gihe rero Uburundi ari igihugu aho hatorana abagabo, birumvikana neza yuko umukobwa atakibanza yari afise canke yahabwa mu gihe co gutorana. Umukobwa mu basirwa abarundi ntibemera yuko ajamwo. Bavuga bati umukobwa azotorana iyo agiye kwabirwa, <em>\u201c Mu Burundi\u201d<\/em>, nta co aba afise avuga kw\u2019itongo yavukiyemwo.<\/p>\n<p>Ku ntwaro ya cami, umwana w\u2019umukobwa ntiyahirahira ngo asabe kuzoronka ibisigi. Na vyo kenshi vyaba bigizwe n\u2019itongo canke inka hamwe n\u2019ibindi bintu aba yararondeye nk\u2019itongo ry\u2019umuheto.<\/p>\n<p>Imigenzo y\u2019ikirundi yari ifise uko itegekanya ibijanye n\u2019ukuronka itongo. Ibimenyerewe cane ni ibijanye n\u2019itongo ry\u2019umuryango. Akenshi itongo mu Burundi umuntu yarironswa ari uko arirazwe n\u2019abavyeyi biwe.<\/p>\n<p>Ugutorana rero biri ubwoko bubiri: hari ugutorana ikintu usize urazwe n\u2019abavyeyi hamwe n\u2019ugutorana ikintu utakirazwe n\u2019abavyeyi bawe. Ugutorana ikintu utakirazwe n\u2019abavyeyi vyashika mu gihe abavyeyi baba bapfuye giturumbuka ugasanga ntibaronse umwanya wo gusiga bavuze ingene abana babo bazogabangana ibisigi. Ivyo vyaba biraba abana bavukana kandi b\u2019abahungu gusa.<br \/>\nMu bana bashobora gutorana haba harimwo abazwi n\u2019umuryango ku mugaragaro hamwe n\u2019abandi bana bashobora kuba bavutse mu kinyegero ku bandi bagore ariko se rugo akaba abemera nk\u2019abana biwe. Ariko umukobwa canke umukenyezi aba imfura canke umuhererezi nta burenganzira yari afise bwo gutorana.<\/p>\n<p><!--nextpage--><\/p>\n<h2><strong>Amabi yakorerwa abakenyezi afise ico asana\u00a0 n&rsquo;ukudatorana mu miryango<\/strong><\/h2>\n<p>Muri kahise k\u2019Uburundi ibi ni vyo twofatirako uturorero:<\/p>\n<p><strong>Imiryango yavyaye abakobwa gusa <\/strong><\/p>\n<p>Twari twaciye ku masonga ibijanye n\u2019ukuntu mu mico n\u2019imigenzo y\u2019ikirundi umukobwa atashobora gutorana. Uvyihweje neza, usanga umukobwa atafatwa nk\u2019umwana mu bandi ndetse gushika aho umenga si umwana yavutse biciye mu mategeko. Yafatwa nk\u2019aho womenga nta maraso ya se afise muri we. Imvugo zimwezimwe zagumye mu rurimi rw\u2019ikirundi zirabigaragaza: Umukobwa ni akarago k\u2019abaraye, umuhungu ni igikingi c\u2019irembo gisiduka ntibacane.<\/p>\n<p>Ivyo vyose biri mu vyatuma itongo ry\u2019umuryango wavyaye abakobwa gusa ritoranwa n\u2019incuti zabo ariko zigizwe n\u2019abahungu canke abagabo gusa.<\/p>\n<p><strong>Abakobwa batigeze baja kwabirwa <\/strong><\/p>\n<p>Aho hambere umukobwa atarongowe yagumye kw\u2019itongo ry\u2019abavyeyi baramuha ikivi co kurima. Ariko carazira kikazizizwa ko ahavyarira. Aramutse naho ahavyarira umwana iyo ari umuhungu yaja gutorana kwa se wiwe canke kwa sekuru. Naho amategeko yagumye atera imbere, mu mihingo itari mike y\u2019Uburundi umukobwa atarongowe aracafatwa nk\u2019uko nyene..<\/p>\n<p><strong>Abakenyezi bahukanye bagasubira iwabo <\/strong><\/p>\n<p>Abagore bagize ingorane bubatse izabo zikabananira bagasubira ku matongo kwa ba se (abantu babatoteza babita ibisubiramuhira), bagira ingorane zisa n\u2019izabakobwa batigeze barongorwa. Baramukazi babo barabafata nabi, bakabaha akavi gatoyi. Hageze gutorana barabahako hato cane ariko ahandi hategerezwa guhabwa basaza babo.<\/p>\n<p><strong>Abapfakazi <\/strong><\/p>\n<p>Ingene umupfakazi yafatwa vyavana n\u2019imigenderanire yari afitaniye n\u2019umuryango w\u2019umugabo wiwe. Nimba atagize amahirwe yo kuvyara yaca yirukanwa ubutarariye. Yaramaze kuvyara naho, kugira agume muri urwo rugo yabwirizwa kwemera kurongorwa na mutoyi w\u2019umugabo wiwe. Induru akenshi zatangura iyo umupfakazi yanse gucurwa na murumuna w\u2019umugabo, canke iyo yanse kurangura imibonano mpuzabitsina\u00a0na sebukwe umugirwa bita gutera intobo. Ikindi catera ingorane, wari umugirwa<\/p>\n<p>wo kumubikira. Muri uwo mugirwa sebukwe canke abahungu bavukana n\u2019umugabo wiwe bamusaba ko barangura amabanga y\u2019abubatse imbere yuko ikigandaro gihera kugira ngo babwire igitsina ciwe yuko serugo yaryamiye ukuboko kw\u2019abagabo.<\/p>\n<p>Kwa se wiwe umugore yubatse yararonswa ikivi bita igiseke. Gushika ubu iyo basaza b\u2019abakobwa banse gutanga ico giseke bashiki babo bama bitura ubutungane ngo bubatunganirize. Uyu munsi uwupfakaye yari yarongowe biciye mu mategeko itongo ryose riguma ari ryiweariko na ho nyene hari aho umuryango w\u2019umugabo umuturubika cane naho aba akingirwa n\u2019ubutungane.<\/p>\n<p>Muri make, imigenzo ijanye n\u2019ugutorana mu Burundi irakumira cane umukenyezi uretse utuganuke dutoduto ahabwa, ataho dusa dusana n\u2019ugutorana itongo nk\u2019abandi bana. Amategeko mu Burundi ariko aratera imbere ivyo ntawobideha, ariko haracasigaye vyinshi vyo gukorwa kugira ngo umwana w\u2019umukobwa afatwe nk\u2019abandi bana bavukana.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu mico n\u2019imigenzo y\u2019ikirundi ugutorana itongo vyamye bikumira umukenyezi canke umukobwa. Umukobwa ntiyigera atorana kwa se wiwe. Kuva kera na rindi, ibijanye n\u2019ugutorana ntivyigeze bihinduka, nta muco vyigeze bijamwo kandi hari abakibona yuko harimwo n\u2019akarenganyo. Abakurambere bati \u00abNtamwana n\u2019ikinono\u00bb. Ariko uwo mwibutsa ntiwigeze ushirwa mu ngiro mu bijanye n\u2019ugutorana mu matongo. Imbere y\u2019ivyo twobanza kwerekana [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":6,"featured_media":3321,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[206,213],"tags":[256,257],"coauthors":[45],"class_list":["post-3320","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-akahise","category-ukubana","tag-amatongo","tag-kahise"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3320","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/6"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3320"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3320\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3389,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3320\/revisions\/3389"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3321"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3320"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3320"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3320"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3320"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}