{"id":3313,"date":"2019-07-02T17:23:55","date_gmt":"2019-07-02T15:23:55","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3313"},"modified":"2019-07-04T19:24:12","modified_gmt":"2019-07-04T17:24:12","slug":"bubanza-burundi-gihanga-abahabara-bahanzwe-niki","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/bubanza-burundi-gihanga-abahabara-bahanzwe-niki\/","title":{"rendered":"Abahabara bahanzwe n&rsquo;iki?"},"content":{"rendered":"<p><strong>Ku myaka yiwe 24 itarenga ntirenguke, Niyongere\u00a0Nosiyata n\u2019ikibondo i mugongo yisanze ari umuhabara atari abizi. <\/strong><\/p>\n<p><em>\u00ab\u00a0Igihe umugabo tubana ambwira ko asanzwe afise uwundi mugore bandikanywe imbere y\u2019amategeko, ishavu ryarandengeye ariko nta kundi nari mfise ndabikika kuko nari nibungenze.\u201d<\/em><\/p>\n<p>Ni ku munsi wa gatanu, turi mu kigwati ca 3 muri komine Gihanga kw\u2019ibarabara rya gatandatu, Nosiyata Niyongere ntagira ayo acira n\u2019ayo amira. Haciye amayinga atari make umukuru w\u2019umutumba afadikanije<\/p>\n<p>n\u2019abandi bakenyezi babana bamubwiye ko yonyaragasa akava muri iyo nzu abanamwo n\u2019uwo mugabo.<\/p>\n<p>Yagirijwe kubana nk\u2019umuhabara hamwe n\u2019uwo mugabo yamuvyayeko, Nosiyata asigaye asa nk\u2019uwihaye amenyo y\u2019abatwenzi. Uwo mugabo babana we nta co ashaka kuvuga ku bijanye n\u2019uwo mugore wiwe. Yigumira amwa abantu kuko asanzwe ari kimyozi imbere y\u2019imuhira iwe, Nosiyata na we akahadandariza amakarata bashira mu materefone. Uwo munsi Nosiyata ntiyari yakoze.<\/p>\n<p>Haheze akanya wabona abahita bose batunga urutoki Nosiyata nk\u2019uko umenga ni umumenja. Aho yaba ari kw\u2019ikinga n\u2019umwana mu mugongo umuravye ukabona yuko asa n\u2019uwagize ubwoba gushika aho umenga yota akomoka. Nosiyata yahavuye agira ico vuze:<em> \u201cJewe narinzi yuko uyu mugabo wanje yigeze kubana n\u2019uwundi mugore ariko yarampishije ikintu gikomeye na co ni uko atigeze ambwira yuko bari baranditswe imbere y\u2019amategeko.\u201d<\/em><\/p>\n<p>Nosiyata amaze umwaka abana na se w\u2019uwo mwana wiwe. Aribuka ko igihe umugore wa mbere w\u2019uwo mugabo amenya yuko yamuharitse, yaciye aza kuri uwo mutumba kwibariza no kwirabira yuko iyo nkuru ari impamo. Nosiyata ati : <em>\u201cYaremeye asiga abana biwe ku Ngara aho asanzwe aba , araza kwirabira ubwiwe nyene yuko ari vyo.\u201d<\/em><\/p>\n<p><strong>Urukundo ni ibanga <\/strong><\/p>\n<p>Nosiyata yaratwiganiye yuko kugira uwo mugore wa mbere yereke uwo mugabo ko atari ivyo gufyina yaraje aca abatera abana 6 yari afise: <em>\u201cHaheze amezi abiri adutereye abana biwe batandatu bafise imyaka iri hagati y\u2019itatu na cumi n\u2019itatu. Yaciye yisubirira ku Ngara\u201d.<\/em><\/p>\n<p>Naho asa n\u2019uwufise amadidane, Nosiyata afitiye urukundo rwinshi uwo mugabo : <em>\u201cTurumvikana neza kandi aratwitwararika cane nk\u2019umuryango wiwe. Jewe yari yarambariye yuko itandukana ryiwe n\u2019umugore wiwe wa mbere ryaturutse ku kutumvikana ku bintu vyinshi kandi naremeye ivyo yambariye\u201d<\/em>. Nosiyata aremeza ko uwo mugabo yamuhaye iyindi nzu yobamwo ariko ntiyumva ukuntu yobaho wenyene afise uruyoya rw\u2019indwi zibiri gusa.<\/p>\n<p>Nosiyata aremera yuko ariko aragenza umutwe nk\u2019uruyuzi: <em>\u201cJewe sinzi ingene ibi bintu nzobivamwo.\u00a0\u00bb<\/em> Ku kibazo c\u2019uko yoba yiyumva afise umutekano kuri uwo mutumba abako yishura ati: <em>\u201c Mu gihe umugabo wanje akinkunda jewe numva ituze mu mutima\u201d<\/em>. Ikindi ni uko adahengeshanya kuvugira uwo mugabo babana ati: <em>\u201cHariho imvo yatumye yahukana n\u2019umugore wiwe wa mbere, none kuki abantu bamuhatira kubana ku nguvu n\u2019umugore atiyumvamwo ndetse adakunda?\u201d<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ku myaka yiwe 24 itarenga ntirenguke, Niyongere\u00a0Nosiyata n\u2019ikibondo i mugongo yisanze ari umuhabara atari abizi. \u00ab\u00a0Igihe umugabo tubana ambwira ko asanzwe afise uwundi mugore bandikanywe imbere y\u2019amategeko, ishavu ryarandengeye ariko nta kundi nari mfise ndabikika kuko nari nibungenze.\u201d Ni ku munsi wa gatanu, turi mu kigwati ca 3 muri komine Gihanga kw\u2019ibarabara rya gatandatu, Nosiyata [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":18,"featured_media":3314,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[21,255],"coauthors":[100],"class_list":["post-3313","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-bubanza","tag-guharika"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3313","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/18"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3313"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3313\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3396,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3313\/revisions\/3396"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3314"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3313"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3313"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3313"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3313"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}