{"id":3310,"date":"2019-06-25T14:00:16","date_gmt":"2019-06-25T12:00:16","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3310"},"modified":"2019-07-04T18:06:35","modified_gmt":"2019-07-04T16:06:35","slug":"i-bubanza-umuceri-nabapfasoni-ntibibanye-neza","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/i-bubanza-umuceri-nabapfasoni-ntibibanye-neza\/","title":{"rendered":"I Bubanza, umuceri n&rsquo;abapfasoni ntibibanye neza"},"content":{"rendered":"<p><strong>Abajejewe intwaro ntibakigira ayo bacira n\u2019ayo bamira ku kibazo c\u2019uguharika. Hari igihe usanga ari umugore w\u2019intabwa ariko arondeza umugabo wiwe,canke ugasanga n\u2019umugore agira kabiri yahenzwe asaba ubutegetsi guhabwa ico afungura. Imvo n\u2019imvano y\u2019izo ntureka ikaba ari igiterwa c\u2019umuceri&#8230;<\/strong><\/p>\n<p>Twashitse i Gihanga hashushe cane gushika aho twinjiye aho Bazirutwabo Redepfunsi umuhanuzi wa musitanteri ajejwe ivy\u2019intwaro n\u2019imibano akorera n\u2019udushati twatose. Na we nyene twasanze agatuguta kamuca irya n\u2019ino, ariko we ntihari kubera ingero z\u2019ubushuhe zaza zigeze kuri 35 kuko nk\u2019uko avyivugira ni umunyagihanga kavukire arahamenyereye cane, ariko ni kubera yaza yamaze kubona abapfasoni bashika 4 hakiri isaha zine bari bamaze gutonda bashaka ko abumviriza. Ingorane bari bafise bose ni ukwitwarira abagabo babo.<\/p>\n<p>Ubwo bushuhe ni yo nkwezi y\u2019amarere. Nsengiyumva avuga ko umugabo w\u2019umunyabubanza yiyemera akaba ari umurimyi w\u2019umuceri, arongora abagore bahakwa kungana n\u2019intete z\u2019umuceri yimbura. Yaciye agirako atubwira uburorero bw\u2019amazina y\u2019abagabo bafatwa nk\u2019impfizi za komine: Nkeshimana afise abagore 4, Barutazaro afise 5 kandi umuhungu wiwe aza ageze kuri 3. Umugabo w\u2019intungane ngaha agumana abagore babiri canke batatu gusa nka we. Nsengiyumva ati: <em>\u201cAbagore bo ngaha ntibagoye na gato. Ufise ibihumbi icumi na bitanu gusa, umugore aca aba uwiwawe. Upfa kumurihira gusa akazu k\u2019ibihumbi bitanu ku kwezi akaronka aho akika umusaya ibindi bisigara bizoza biravana n\u2019ingene umuceri weze.\u201d<\/em><\/p>\n<p>Sindayihebura Bonifasi, umunyamabanga wa komine yatubwiye ati iyo umuceri weze abagabo umenga bafashwe n\u2019intezi kuko baba bafise umwanya n\u2019amafaranga. Abagabo batari bake bejeje umuceri baca bajana abahabara babo mu yandi makomine agize intara ya Bubanza kugira ngo birinde insaku n\u2019uko abagore babo b\u2019ukuri babimenya. Ariko kenshi abagore babo baratinda bakamenya yuko baharitswe.<\/p>\n<p><strong>Muri ubwo buzima ingorane zama ku munwa nk\u2019amangati <\/strong><\/p>\n<p>Abakurambere bati: <em>\u201cVyitera imanza yabiriye abagore babiri\u201d.<\/em> Hama haza kwitwara abagore batari munsi ya 10 ku munsi. Umuhanuzi wa musitanteri ajejwe ivy\u2019intwaro n\u2019imibano ati: <em>\u201cTwama dufise n\u2019imiburiburi abakenyezi 5 batwitura buri munsi baje kutubwira ko abagabo babo bomokanye n\u2019abandi bagore batazi\u201d.<\/em><br \/>\nMu kigo kijejwe iterambere ry\u2019ingo n\u2019imiryango , uwukirongoye Ngendandumwe Razaro hamwe n\u2019abaremeshakiyago ntibahengeshanya gufasha abo bakenyezi baba bashikiwe n\u2019ivyo vyago mu kubarangira aho baja kwitwara mu nzego zibijejwe.<\/p>\n<p>Pirisika Ihabose ni umuremeshakiyago: <em>\u201cNtibababazi iyo bata umutwe. Duca dukorana n\u2019inzego z\u2019umutekano kugira turabe yuko dushobora gufata abo bagabo bataye ingo zabo tukabashira imbere y\u2019ubutungane\u201d.<\/em><\/p>\n<p>Ngendandumwe Razaro arongera ko ati hari igihe uza ubona haje kwitwara abo bagore b\u2019abahabara: <em>\u201cIyo amafaranga avuye mu muceri agabanutse canke aheze, ba bagabo baca basubira ku bagore babo bambere ugasanga akenshi basigiye inda ba bahabara.\u201d<\/em> Ikibabaje ni uko kubera bataba barandikanywe imbere y\u2019amategeko, ntibigera batunganirizwa.<\/p>\n<p>Ngendandumwe ati: <em>\u201cIyo hari umwana yavutse muri ukwo guharika turagerageza tugasaba uwo yitwa se wiwe ko yomwandikisha imbere y\u2019amategeko akamwemera nk\u2019umwana wiwe ku mugaragaro kandi akiyemeza kumufasha muri vyose\u201d.<\/em><br \/>\nBazirutwabo, umuhanuzi wa musitanteri ajejwe ivy\u2019intwaro n\u2019imibano aravuga kandi ko n\u2019abo bagore bemera kuja kubana n\u2019abandi bagabo bazi ko bubatse izabo ari inkwezi z\u2019amarere: <em>\u201cUbu turiko duhamagarira abubakanye bose kuza kwiyandikisha imbere y\u2019amategeko ariko na ho nyene ni ukubanza gutohoza neza cane kugira ngo tumenye yuko uwo mugabo ata wundi mugore aba afise bari basanzwe bubakanye.\u201d<\/em><\/p>\n<p>&nbsp;<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abajejewe intwaro ntibakigira ayo bacira n\u2019ayo bamira ku kibazo c\u2019uguharika. Hari igihe usanga ari umugore w\u2019intabwa ariko arondeza umugabo wiwe,canke ugasanga n\u2019umugore agira kabiri yahenzwe asaba ubutegetsi guhabwa ico afungura. Imvo n\u2019imvano y\u2019izo ntureka ikaba ari igiterwa c\u2019umuceri&#8230; Twashitse i Gihanga hashushe cane gushika aho twinjiye aho Bazirutwabo Redepfunsi umuhanuzi wa musitanteri ajejwe ivy\u2019intwaro n\u2019imibano [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":5,"featured_media":3311,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[21],"coauthors":[38],"class_list":["post-3310","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-bubanza"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3310","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/5"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3310"}],"version-history":[{"count":5,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3310\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3395,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3310\/revisions\/3395"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3311"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3310"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3310"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3310"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3310"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}