{"id":3306,"date":"2019-06-24T10:18:18","date_gmt":"2019-06-24T08:18:18","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3306"},"modified":"2019-07-04T17:58:16","modified_gmt":"2019-07-04T15:58:16","slug":"burundi-urukundo-nurwanko-kubera-imirima-yimiceri-yo-ku-ruzi-mpanda","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-urukundo-nurwanko-kubera-imirima-yimiceri-yo-ku-ruzi-mpanda\/","title":{"rendered":"Urukundo n&rsquo;urwanko kubera imirima y&rsquo;imiceri yo ku ruzi Mpanda"},"content":{"rendered":"<p><strong>Murengeza ni agacimbiri kamwe muri twinshi tugize komine ya Mpanda mu ntara ya Bubanza. Abantu bamwebamwe baho babonye umuceri wamuje amaganya n\u2019agahinda birabuzura. Mariya Goreti ari mu baheruka kurenganywa biturutse kw\u2019iyera ry\u2019umuceri. <\/strong><\/p>\n<p>Iyo ushitse muri ivyo bi yaya, ugasanga hasa n\u2019ubugararwa ubanza gutangara. Abantu baba bahari ntushoka umenya abo ari bo, canke ngo utandukanye ibitsina vyabo canke imyaka bafise. Ubarabiye kure ubona ubuhiri mu kirere bwisubiriza mu gukubita ibirundo vy\u2019ivyatsi vyumye ugahakwa kuyoberwa n\u2019ivyo ari vyo.<\/p>\n<p>Uko utera wegereza vya birundo vy\u2019ubwatsi bwumye, usanga ahubwo ari ivyatsi vy\u2019umuceri weze kandi wumye wegeranirijwe hamwe. Ubwo bwatsi usanga bwaranoze hamwe buri mugucika ishingwe kubera amahiri y\u2019aba bantu , aho twatangaye dusanze bari abagore gusa. Uravye inguvu bakoresha mu gukubita ivyo birundo vyaragaragara neza ko bataza kubisiga amahoro. Umwe muri bo asa n\u2019uko ari we akuze ati: <em>\u201cNi mwo kimwe, aha tubireka ari uko binoze neza canke na vyo bigende bituvunaguye\u201d.<\/em><\/p>\n<p>Uwo na we si uwundi ni Mariya Goreti Hakizimana, umugore mugufi aboneka ko ahumuye umuravye mu maso. We na bagenziwe bariko baratora imicaca y\u2019umuceri yasigaye. Mu bisanzwe umurima wari uw\u2019umudandaza akomeye cane kandi ibikorwa vy\u2019ugukubita umuceri n\u2019ukuwugosora vyaheze kera. Aba bagore batatu baje kurondera imisigazwa yanse kuva muri ivyo vyatsi bene umuceri bakibikubita. Ariko vyoba vyagenze gute ngo uwo mupfasoni yisange mu bintu nk\u2019ivyo?<\/p>\n<p><strong>Intuntu iturutse ku muceri <\/strong><\/p>\n<p>Mu myaka 11 iheze, Mariya Goreti yari umwigeme mwiza w\u2019imyaka 24. Yari afise ivyipfuzo n\u2019indoto nyinshi ariko zisanzwe kandi zishoboka kuko yibaza ko ari ibisanzwe kuzishikako kuko yarasanzwe ari umudandaza. Inyuma yaho gato yamenyanye n\u2019umusore yitwa Mariko (Iri zina ryarahinduwe kumvo z\u2019umutekano),ubuzima buca bufata iyindi ntumbero.<\/p>\n<p>Iyo nkumi n\u2019uwo musore bari bamaze guhura nka rimwe canke kabiri , bakaramukanya ibisanzwe kandi bose bubahana. Ku gacimbiri ka Murengeza, muri komine Mpanda, Mariko arazwi cane kubera yuko se wiwe afise amatongo manini cane.<\/p>\n<p>Goreti we aturuka i Gitega ariko kuva akiri muto akaba yaba kwa sewabo muri ako gacimbiri nyene, ntiyigera yiyumvira ko umunsi umwe azotinda akamenyana n\u2019uwo muhungu ahagurutse kandi yisiga ibimota neza aho aciye hose akagenda aratamirana. Umunsi uri izina rero wa muhungu yaraje kubwira Goreti ko amukunda kandi ko se wiwe ahejeje kumugabira umurima munini cane wo kurimamwo umuceri bigaragara ko atakigoyi bazigera bagira.<\/p>\n<p>I Bubaza ubugabo bw\u2019umuhungu bubonekera ku bwinshi bw\u2019ihegitari z\u2019imirima y\u2019umuceri afise kuko arizo umuntu ashobora kwikorako iyo hagize ikimugora. Goreti ati: <em>\u201cNaciye ndamwiyegurira wese kuko navuga nti naho nosama inda , Mariko azoba ashoboye kumpa ivyankenerwa canke ivyo umwana wanje azoshaka\u201d<\/em>. Noneho mu nyuma iryavuzwe rirataha, Goreti aca arasama imbanyi.<br \/>\nAmaze kumenyako yibugenze akibibwira Mariko, yaciye amusaba ko bogira ubugeni bakabana akaramata. Mu mwaka wa 2006 ni ho bubaka urwabo, ikibondo cabo ca mbere kivukira mu rugo rurimwo urukundo ntangere aho Goreti yaraba ivyo muhira vyose umugabo na we akaja kurondera amahera yo gutunga umuryango, haba mu gucuruza umuceri canke ibindi. Goreti ati:\u00a0<em> \u201cIco gihe sinahagarika umutima ngo atashe mw\u2019ijoro rikuze kuko narinzi ko ari umugabo kandi abifitiye uburenganzira\u201d.<\/em><\/p>\n<p><strong>Intango y\u2019amagorwa <\/strong><\/p>\n<p>Kuva mu 2006 gushika mu 2012, bari bamaze kwibaruka abana 6. Goreti agira ati: <em>\u201cMu 2010 ku ruvyaro rugira 4 wa mugabo yari amaze guhinduka cane rwose. Yari asigaye aguma ashwana, ashavura ku kantu gato kose kabaye, ariko ubwa mbere si ko yari ameze\u201d<\/em>. Goreti ariko aravuga ayo majambo yaciye yicurikira yerekeza amaso mu bugararwa bw\u2019uyo mwonga wuzuyemwo ivyatsi vyumye gusa.<br \/>\nHaheze akanya ariruhutsa agira ati: \u201c Sinari bwigere nemera ivyo abantu bavuga ko agendana n\u2019uwundi mugore, navyemeye hagati na hagati mu 2012 aho nagiye mbona aza agatora utuntu twiwe twose akaja kubana n\u2019uwo <em>wundi mugore nanje nsigara nifumbereje\u201d<\/em>. Imbere y\u2019ivyo umugabo yari yaragerageje kumukubita rwose ngo ate urugo yomoke ariko Goreti vyaranse yuko ata abana .<\/p>\n<p>Uwo munsi rero ni ho yigira: <em>\u201cNaho nari nagerageje kumwinginga harimwo n\u2019amarira y\u2019abana yararahiye ararengwa ko adashobora kumarana ubuzima bwiwe bwose n\u2019agakecuru gashaje nkanje.\u201d<\/em> Kukaba nkako inyuma y\u2019imvyaro indwi, Mariya Goreti yaza yatanguye gutakaza ubuto yari afise kera. Kubera amahera Mariko na we yakura mu muceri ntiyigeze abura umuhabara bayanezeregwanamwo.<br \/>\nMbere mu kumukora kw\u2019itama, Mariko yaciye yubaka inzu ku rya kane rya Murengeza kugira abana biwe baze baraza kumuraba bitagoranye. Goreti ati ico nticari kibi ariko vyamaze umwanya urume rumara kuko uwo mugore amaze kuvyara yaciye atangura kubuza abo bana gusubira guhonyorayo.<\/p>\n<p><strong>Ivyo nakoze vyose nariko nihora ubusa <\/strong><\/p>\n<p>Amaze kubona yuko abaye intabwa, nta kundi yari bugire yaciye avuvudikira umuryango w\u2019umugabo wiwe. Ariko uwo muryango nta co washoboye kumumarira muri izo ngorane: <em>\u201cMbere baciye bashigikira ingendo y\u2019umugabo wanje\u201d.<\/em> Hageze kwitura umukuru w\u2019umutumba na we nyene yagumye ahigimanga ntiyigeze afata ingingo itomoye. <em>\u201cYari yararonse akanya gakwiye ko kuganira n\u2019uwo yahoze ari umugabo wanje, hanyuma aramuha n\u2019igiturire. Nanje naho vyari bimeze uko nabwirizwa kwitura uwo mutegetsi nyene ngo ndabe yuko yontunganiriza.\u201d<\/em><\/p>\n<p>Uwo mugabo avyumvise yaciye atungwa n\u2019ayo yameze hamwe n\u2019uwo mugore wa kabiri baja kuba i Bujumbura hamwe barya ayo mahera yaheruka gukura mw\u2019iyera ry\u2019umuceri. Yagiye amusigiye intano zitanu azokwama agaburira abana wenyene kandi ata n\u2019ico yirengeje. Goreti agahinda kari mu kumwegura aha avuga ati: <em>\u201cUbu baragarutse ngaha, umugore afise umutahe munini yahawe n\u2019umugabo urudandazwa rwiwe rutera imbere ningoga. Je nibaza ko boba baratanze igiturire mw\u2019ikomine kuko ntamutegetsi n\u2019umwe abakomakoma.\u201d<\/em><\/p>\n<p>Iyo ntabwa Goreti, yagowe akiri muto ku myaka 35 gusa ariko umenga arenza 50 nta yandi mikoro afise kiretse kuja gusuragura ibisigazwa vy\u2019umuceri, Nta bwo abinezererewe ariko nta kundi ari bubigire. Mariko wewe yirirwa arinywera inzoga I Murengeza ata co yinona ari kumwe n\u2019umugore wiwe w\u2019inkundwakazi hamwe n\u2019ikibondo cabo kidoshe. Ntankeka ko uwomubaza ati ni igiki kiguteye akanyamuneza yokwishura ati: <em>\u201cNi umuceri\u201d.<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Murengeza ni agacimbiri kamwe muri twinshi tugize komine ya Mpanda mu ntara ya Bubanza. Abantu bamwebamwe baho babonye umuceri wamuje amaganya n\u2019agahinda birabuzura. Mariya Goreti ari mu baheruka kurenganywa biturutse kw\u2019iyera ry\u2019umuceri. Iyo ushitse muri ivyo bi yaya, ugasanga hasa n\u2019ubugararwa ubanza gutangara. Abantu baba bahari ntushoka umenya abo ari bo, canke ngo utandukanye ibitsina [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":8,"featured_media":3307,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[21,255],"coauthors":[41],"class_list":["post-3306","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-bubanza","tag-guharika"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3306","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/8"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3306"}],"version-history":[{"count":7,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3306\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3392,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3306\/revisions\/3392"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3307"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3306"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3306"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3306"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3306"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}