{"id":3293,"date":"2019-06-18T09:30:36","date_gmt":"2019-06-18T07:30:36","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3293"},"modified":"2019-06-28T10:17:33","modified_gmt":"2019-06-28T08:17:33","slug":"burundi-indero-iyo-akariho-katavugwa","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-indero-iyo-akariho-katavugwa\/","title":{"rendered":"Iyo akariho katavugwa&#8230;"},"content":{"rendered":"<p><strong>Igitigiri c\u2019abo twashoboye kwumva bemerera abanyeshure amanota kuko baryamanye ni bake cane ugereranije n\u2019uko biri. Kenshi na kenshi usanga babivuga nk\u2019ibanga nk\u2019igihuha ata kivyemeza kigaragara. Bigatuma bigora kurwanya ako karanda.<\/strong><\/p>\n<p><em>\u00a0<\/em>Ku bwa Regisi, yahoze ajejwe ivyigwa kw\u2019ishure ryisumbuye (lyc\u00e9e) rya Gitega, ikosa ubwa mbere ngo ni iry\u2019abavyeyi. Ati: \u201cNtibacitaho guha indero runtu abana babo. Babarekera abigisha, bakibagira yuko indero iva ku ziko.\u201d<\/p>\n<p>Ku bijanye n\u2019iyo nyifato mbi, uwo mwigisha aremera ko bitoroshe ati: \u201cTurakora ivyo dushoboye mugabo atari mu bigo vy\u2019ishure aho nta co dushobora. Kubera ko ata vyemeza tuba dufise, turegera uwo bivugwako tukamugabisha.\u201d<\/p>\n<p>N\u2019ubu bisa n\u2019ibikigoye kuko iterambere mu vyo gutamatumanako amakuru vyatumye guhura kw\u2019umunyeshure n\u2019umurezi vyoroha. Regisi akavuga ko ubu abanyeshure bafise iterefone zigezweho bita \u201csmartphone\u201d. Umurezi mubi bica bimworohera kubonana n\u2019umunyeshure kandi ngo biragoye guhinyura.<\/p>\n<p><strong>Kugeragezwa <\/strong><\/p>\n<p>\u201cErega natwe abasore turageragezwa kenshi cane. Ntituzi n\u2019ukuntu abanyeshuri bamwebamwe baronka inomero zacu za terefone.\u201d Vyemezwa na A.N, umwigisha wo kw\u2019ishure rimwe mu y\u2019abikorera utwabo mu gisagara ca Bujumbura. Aho rero womengo uwuronderwa ni umurezi! Atarya umunwa ati: \u201cAbanyeshure bamwe b\u2019abakobwa ni abahinga. Baragerageza uburyo bwose kugira bakuronke. Aho na ho nta kindi kiba gisigaye.\u201d<br \/>\nIvyo rero biragoye kwerekana ko umunyeshure ariko arakuraba icoroshe kuko nta kivyemeza.<\/p>\n<p>Ku bwa N.P umwigisha wo\u2028mu Kayanza yamaze kuja mu karuhuko, avuga ko amategeko y\u2019Uburundi adatomoye ku vyerekeye imigenderanire hagati y\u2019umunyeshure n\u2019umwigisha (kugeza naho bahuza ibitsina).<br \/>\nNgo gupfungwa gushika ku myaka\u2028 20 bikurikizwa mu gihe umunyeshure akiri umwana gusa. Ngo ni ho uhanwa nk\u2019uwafashe ku nguvu.<\/p>\n<div style=\"padding: 3px;border: 5px double #ff6b00;background-color: #ffdbc1\"><strong>\u201cUbutungane butegerezwa guhana\u201d<br \/>\n<\/strong><br \/>\nKu bwa Niyonzima Meraniya, umuhanuzi ajejwe iterambere ridakumira mu bushikiranganji bujejwe inyigisho mu mashure y\u2019intango n\u2019ay\u2019isumbuye, ngo biragoye kurandurana n\u2019imizi iyo ngeso kuko ngo bibera ahihishije. Ati: \u201cBiranashika ugasanga ababigize baciye bazimanganya ibivyemeza mu guha ibiturire abayobozi b\u2019amashure.\u201d<br \/>\nKu rundi ruhande, abahinga bavuga ko atari ubushikiranganji bw\u2019indero bwabwirizwa gufata ingingo. Nyabuna ngo habwirizwa gufatwa ingingo zimenyeshwa ubushikiranganji bw\u2019abakozi n\u2019akazi, na bwo bugahana. Aho rero ni idosiye itegerezwa kugururwa mu butungane<br \/>\nkubera gushurashuza ku nguvu canke gushurashuza uwutaragera mu bigero.<\/div>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Igitigiri c\u2019abo twashoboye kwumva bemerera abanyeshure amanota kuko baryamanye ni bake cane ugereranije n\u2019uko biri. Kenshi na kenshi usanga babivuga nk\u2019ibanga nk\u2019igihuha ata kivyemeza kigaragara. Bigatuma bigora kurwanya ako karanda. \u00a0Ku bwa Regisi, yahoze ajejwe ivyigwa kw\u2019ishure ryisumbuye (lyc\u00e9e) rya Gitega, ikosa ubwa mbere ngo ni iry\u2019abavyeyi. Ati: \u201cNtibacitaho guha indero runtu abana babo. Babarekera [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":8,"featured_media":0,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[],"coauthors":[41],"class_list":["post-3293","post","type-post","status-publish","format-standard","hentry","category-indero"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3293","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/8"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3293"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3293\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3304,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3293\/revisions\/3304"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3293"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3293"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3293"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3293"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}