{"id":3291,"date":"2019-06-17T14:00:09","date_gmt":"2019-06-17T12:00:09","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3291"},"modified":"2019-06-28T10:34:28","modified_gmt":"2019-06-28T08:34:28","slug":"burundi-indero-fidela-igishushungwe","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-indero-fidela-igishushungwe\/","title":{"rendered":"Fidela, igishushungwe"},"content":{"rendered":"<p><strong><em>Ku murwa mukuru <\/em><em>\u2028<\/em><em>w\u2019intara ya Ruyigi,<\/em><em>\u2028<\/em><em>Fidela ni izina abavyeyi bakoresha bagomba kubuza abakobwa babo kugiriranira imimenyerano n\u2019abigisha babo.Abarezi<\/em><em>\u2028<\/em><\/strong><em><strong>ni na ryo zina risigura umurongo ntarengwa. Mugabo rero nta na kimwe cibonekeza cotuma umwigeme aba uko&#8230;.<\/strong> <\/em><\/p>\n<p>Uwo munsi Fidela ntiyari yiteze kugenderwa n\u2019abamenyeshamakuru kubera ko ibibazo vyabo bigoye kuva imbere. Aho hose wewe yaripfuza kuzokora uwo mwuga. Ibitahavuye bikunda kuko uwomuhaye ubumenyi kugira akore uwo mwuga yamuhaye ibindi.<\/p>\n<p>Ni umukobwa w\u2019imyaka 20 mugabo umuraba ntibimusa womengo afise 15. Yatwakiririye mu rugo iwabo. N\u2019umubabaro mwinshi, aguma agaragura ishapure yiwe. Yatubwiye ko agira kabiri mu bana batandatu bavukana. Ntibagira se, abana na nyina n\u2019abo bavukana mu kazu gato ku mutumba Ruhwago muri komine Ruyigi.<\/p>\n<p>Aricuza cane kandi afise agahinda ko kubona yarahemukiye umuvyeyi wiwe yita mu ziko azinduka mu ndimiro kugira abana biwe bashobore kwiga. Haheze imyaka ibiri, ntiyari azi ko yobonye ayari aho.<\/p>\n<p><strong>Yaguye mu mutego <\/strong><\/p>\n<p>Mu myaka ibiri iheze, Fidela yari mu mwaka w\u2019icenda kandi nta kindi cari kimuraje ishinga atari ukuronka amanota meza mw\u2019ishure, maze akigira mu w\u2019icumi. Ni co gituma ata co yinona igihe umwigisha wiwe w\u2019icongereza yamuterefona amusaba ko bobonana. Akamumenyesha ko inomero yiwe ya terefone yayihawe n\u2019umunyeshure bigana.<\/p>\n<p>Isango rigeze, umwigeme utanka yaragiye kuraba umwigisha aho\u2028 yaba hirya ku mpera z\u2019igisagara \u2028ca Ruyigi. Umunsi wa mbere ngo kwabaye ugusubiramwo ivyo bari bize mw\u2019ishure. Umunsi ugira kabiri ngo yamubwiye ko adashobora kuyoberwa mu congereza no mu bindi vyose uwo mwigisha azoba ariko aracungera mu kibazo.<\/p>\n<p>Fidela ati: \u201cUko vyagenda si ukundi. Narakora ikibazo nk\u2019abandi, nsohotse ngakorera ku rundi rupapuro ntanga inyishu nziza, na we akimenya ingene anyuranya za mpapuro hakagumamwo ururiko inyishu nziza.\u201d<\/p>\n<p>Ivyo rero ntivyijana. Amajambo asosa yahavuye asubirira icigwa c\u2019icongereza, kumukorakora biba ivya minsi yose maze bahava bakora n\u2019ikizira kandi kenshi. Nya mwigeme yagokeye ubusa, kwa kumenya yarondera ntiyabironse. Yaciye atwara inda haheze amezi abiri.<\/p>\n<p><strong>Rurangiranwa mu bibishe <\/strong><\/p>\n<p>Iyo nkuru yaciye ishikira Siriveri.\u2028Na we yaciye aronderera uruhusha \u2028nya mwana amujana kw\u2019ivuriro. Basanze yarasamye. Yarariye umutima amenyo araza kubisigurira umuvyeyi w\u2019umwana nk\u2019uko Fidela abivuga ati: \u201cInama y\u2019umuryango yaciye ikorana mugabo ivyavamwo nari ndabizi. Basavye Siriveri kuvyemanga no kugira ibikenewe vyose, na we yavyemeye adahigimye.\u201d<\/p>\n<p>Bukeye bwaho, bamusavye kuza gushira umukono ku rwandiko ruvyemeza, na we aravyemera kandi ngo bibere aho atabamwicura, na bo baravyemera. Bukeye bwaho, Siriveri ashitse, atazi ko vyamenyekanye, twagiye tubona haheze akanya umuyobozi w\u2019ishure yigishako ashitse ari kumwe n\u2019abamenyeshamakuru . Bano baciye batangura kubacanira ibibazo.<\/p>\n<p>Umuyobozi yaciye amenyesha ko agiye kurondera umutahe wo kumuhagarika. Ubwoba bumutekeye, nya mwigisha yaciye anyika. Mugabo kubera yari yamaze kuba rurangiranwa, haheze amezi abaporisi bamuhumutseko bamuta muri yompi. Yamaze amezi atanu ari mvuto.<\/p>\n<p><strong>Igikomere ku mutima <\/strong><\/p>\n<p>Siriveri arekuwe, ntiyasubiye guhonyoza ikirenge kwa ba Fidela. Nya munyeshure akuriwe yari \u2028agorewe iwabo, asigaye ari ak\u2019amenyo mu kibano na we aguma yigunze. Inyuma y\u2019amezi atatu nya mugabo arekuwe, Fidela yavyaye umuhungu. Yaramubona amwenyuye akumva araruhutse gatoya ku mutima mugabo ntivyari vyoroshe kuko ubukene bari bafise ntibwagira izina. N\u2019agahinda kenshi ati: \u201cUwarushe ntaruhuka, umwana amaze amezi umunani yararwaye aca yereka umukondo ijuru\u201d.<\/p>\n<p>Ku murwa mukuru wa Ruyigi, Fidela yahavuye aba iciro ry\u2019umugani, akarorero k\u2019ikizira abavyeyi bafatirako mu guhanura abana babo. Naho yabonye ayo makuba yose, yizeye ko azosubira kwiga ni yo yaronka uburyo.<\/p>\n<p>Mugabo rero kubera ivyamubayeko ntatekanye. Tukiri kumwe yaritavye iterefone y\u2019abantu bari mu baharanira agateka k\u2019umukenyezi bashaka ko yoshinga intahe na we arabankira. Ico ngo yipfuza ni ukugerageza kuvyirengagiza, kwiyibagiza ivyo ahitiyemwo.<\/p>\n<p>&nbsp;<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ku murwa mukuru \u2028w\u2019intara ya Ruyigi,\u2028Fidela ni izina abavyeyi bakoresha bagomba kubuza abakobwa babo kugiriranira imimenyerano n\u2019abigisha babo.Abarezi\u2028ni na ryo zina risigura umurongo ntarengwa. Mugabo rero nta na kimwe cibonekeza cotuma umwigeme aba uko&#8230;. Uwo munsi Fidela ntiyari yiteze kugenderwa n\u2019abamenyeshamakuru kubera ko ibibazo vyabo bigoye kuva imbere. Aho hose wewe yaripfuza kuzokora uwo mwuga. [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":8,"featured_media":3302,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[82],"coauthors":[41],"class_list":["post-3291","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-ruyigi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3291","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/8"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3291"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3291\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3303,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3291\/revisions\/3303"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3302"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3291"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3291"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3291"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3291"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}