{"id":3288,"date":"2019-06-16T10:00:16","date_gmt":"2019-06-16T08:00:16","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3288"},"modified":"2019-06-27T11:48:32","modified_gmt":"2019-06-27T09:48:32","slug":"burundi-umurundi-yamye-apfana-isoni","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-umurundi-yamye-apfana-isoni\/","title":{"rendered":"Umurundi yamye apfana isoni"},"content":{"rendered":"<p><strong>Mu gihugu hagati wumva bavuga ko \u00ab bose bumvise uyu canke uriya, umugenzi w\u2019umugenzi, gisanira, umubanyi \u00bb&#8230; Ku bisigaye bose ni nwe !<\/strong><\/p>\n<p>Kw\u2019ishure ryisumbuye rya Kayanza (lyc\u00e9e), twahashitse ivyigwa birangiye. Abanyeshure bariko baja mu buraro, mugabo batihuta.<\/p>\n<p>Bamwe barashimye kwiganirira n\u2019abo babonye bavuye i Bujumbura ari bo twebwe.Tweho rero twaciye tududurirako. Tubaza duti :\u2028\u00ab Muramaze kwumva ibijanye no kwideribera ngaha ? \u00bb Agacere ngo nwe! Brian, umuhungu yiga mu w\u2019icumi na kabiri ati : \u00ab Uvuze \u2028uti ? \u00bb Beguwe n\u2019agatwengo\u2028 bose. Aca aratubwira ko ivyo bitabaho na ho nyene wamengo arinanase yubahurwa n\u2019uko babanje gutwenga.Iryo shure ntitwiyadukije kuritora. Abasanzwe baritazira \u00ab Ntahondereye \u00bb, bikumvikana ko abiga ngaho atari abamarayika.Iryo shure rifise uburaro bw\u2019abahungu n\u2019abigeme, biravugwa ko rimwe na rimwe mu mwanya wo gusubiramwo ivyigwa vyabo, abahungu n\u2019abakobwa bamwebamwe baba bari mu bindi, ku buryo iyo umwaka urangiye hari abakobwa bataha bafise igicuro mu nda (bibungenze).<\/p>\n<p>Ridwina, umunyeshure waho afise imyaka 16 ararahira ati : \u00ab Aho hari kera \u00bbIvyo rero birashimangirwa na Yuvinari Mbonihankuye, umuyobozi w\u2019ishure amenyesha ko ivyo vyoba vyarabaye mu bihe vyashize, mugabo ubu ngo ata n\u2019umwe barapfa bumvise yoba yakoze iryo shano.<\/p>\n<p><strong>\u00ab Biriho naho bitavugwa \u00bb <\/strong><\/p>\n<p>\u00ab Nemeye gusubiramwo umwaka wa mbere muri kaminuza mu gisata c\u2019ubuvuzi kubera ko nankiye umwigisha ko turyamana. \u00bb Bivugwa n\u2019umunyeshure yiga muri kaminuza imwe iri mu buraruko bw\u2019igihugu.Nya mwigisha ngo yari azwi n\u2019ubuyobozi n\u2019abigisha ko umenya iwe muri ubwo buryo buhumanye mugabo ngo ubuyobozi bwa kaminuza ntibamukakaza.<\/p>\n<p>I Gitega, mw\u2019ishure rimwe ry\u2019abigenga, abanyeshure bamenyesha ko naho izo ngeso zitabuze bigoye kudomako urutoke kuko ngo babigirira mu mpisho. \u00ab Igitangaje gikomeye ni iyo igihe umunyeshure ubona mw\u2019ishure ata co ahanoba ukaja ubona abaye mu ba mbere mu mpera z\u2019umwaka. \u00bb<\/p>\n<p>Kuva mu bumanuko gushika\u2028 mu buraruko uciye mu ntara\u2028zo hagati, uwo mugirwa uriho, mugabo birahishwa bagakubura agahishamwanda bakavuga ko iwabo vyera ngo de ! \u00ab Iwacu iyo ngeso ntayiriho \u00bb, kubera ko ata kivyemeza bafise. Aha rero umwaka w\u2019ishure ugira urangire, no \u00ab kwideribera \u00bb bibone kwaduka.<\/p>\n<p>&nbsp;<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihugu hagati wumva bavuga ko \u00ab bose bumvise uyu canke uriya, umugenzi w\u2019umugenzi, gisanira, umubanyi \u00bb&#8230; Ku bisigaye bose ni nwe ! Kw\u2019ishure ryisumbuye rya Kayanza (lyc\u00e9e), twahashitse ivyigwa birangiye. Abanyeshure bariko baja mu buraro, mugabo batihuta. Bamwe barashimye kwiganirira n\u2019abo babonye bavuye i Bujumbura ari bo twebwe.Tweho rero twaciye tududurirako. Tubaza duti :\u2028\u00ab [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":5,"featured_media":3289,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[39,20],"coauthors":[38],"class_list":["post-3288","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-gitega","tag-kayanza"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3288","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/5"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3288"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3288\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3300,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3288\/revisions\/3300"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3289"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3288"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3288"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3288"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3288"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}