{"id":3283,"date":"2019-06-15T09:00:06","date_gmt":"2019-06-15T07:00:06","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3283"},"modified":"2019-06-28T10:39:13","modified_gmt":"2019-06-28T08:39:13","slug":"burundi-indero-ibiterasoni-bigoye-kuvuga","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-indero-ibiterasoni-bigoye-kuvuga\/","title":{"rendered":"Ibiterasoni bigoye kuvuga&#8230;"},"content":{"rendered":"<p><strong><em>Kuryamana n\u2019umwigisha wawe kugira ngo uronke amanota meza, ni uburyo abanyeshure bamwe batoye. Biriyamirizwa naho bigoye kuranduranwa n\u2019imizi. Abayobozi ntibiyobagiza ko iyo ngeso mbi iriho\u2026<\/em><\/strong><\/p>\n<p><strong><em>\u00a0<\/em><\/strong>Turi igihe c\u2019isaha zine n\u2019igice zo mu gatondo kw\u2019ishure rimwe ry\u2019abigenga mu gisagara ca Bujumbura. Ni mu mwanya w\u2019akaruhuko. Abanyeshure baranyagara irya n\u2019ino, hamwe usanga bari kumwe n\u2019abigisha bavugana. Hamwe ubona hari abasa n\u2019abatanga amategeko, ahandi abanyeshure baza bitura abigisha. Uretse umwambaro w\u2019ishure, n\u2019uwujejwe indero aguma yamama ngo ntihagire uwusimba uruzitiro rw\u2019ishure, nta na kimwe cerekana ko hari ishure. Abanyeshure biyambariye utujipo tugufi, imishatsi irahinduye, abandi bafise ibisuko, barikora uko bashatse bakambara amahereni n\u2019ibindi. Haheze iminota cumi n\u2019itanu, inkengeri ibamenyesha ko akaruhuko karangiye iravuga. Umwigisha umwe ashikiriye abo banyeshure abasengasenga, nk\u2019uko womengo barangana ati : \u201cNi mwinjire basha!\u201d Bano na bo bariko barinywera isoda ata co binona bafungura n\u2019ibitumbura. Haheze umwanya, M.I, umuyobozi w\u2019iryo shure ahava aremera kutuganirira. Ameze nk\u2019uwicuza kandi abuze uko agira. Ati: \u201cIshure ryacu, abashika 80% bahigira ni abakobwa,\u2028na yo abahigisha bakagirwa ahanini n\u2019abasore\u201d.Amaze imyaka cumi arongoye iryo shure, aremera ahigimanga ko hari ivyo yumvise. Nk\u2019uko womengo ashaka guhisha ako kabi kabishe, aremeza\u2028ko mu myaka ibiri iheze bitigaragaje cane. Akagira ati; \u201cHari umunyeshure yitwariye umwigisha ngo yamusavye ko yohebana n\u2019umusore bagendana, maze agafatana na we. Aho ngo yamubwira ko avyanse amuyobeza.\u201d<\/p>\n<p>Agahabwa rero ku bw\u2019uwo muyobozi ngo kahabaye haheze imyaka itatu. Yemeza ko bagize amatohoza mu mpisho. \u201cUmwigisha yari yavyigamvye abwira uwo bakorana.\u201d M.I yemeza ko nya mwigisha yakuwe mu kazi ubutarariye. Kuva ico gihe iyo ngeso ngo ntirasubira kwigaragaza.\u201cTwama twumvise binugwanugwa ko hari imibururano hagati y\u2019abanyeshure n\u2019abigisha mugabo nta vyo twofatirako dufise bigaragara.\u201d<\/p>\n<p>Naho umuyobozi avuga ko ababi ari abigisha, ariyamiriza abanyeshure \u2028bama bashaka kwunguruzwa uko bigenda kwose ati: \u201cHaraheze imyaka ine numvise umukobwa yoba yamenye biciye muri ubwo buryo. Narabimubajije mugabo arabirahira. Aca aruhira guhindura ishure.\u201d<\/p>\n<p>M.I aremeza ko adashobora kuba\u2028hose mu gishingo kimwe mugabo ngo biragendeka: \u201cKw\u2019ishure ryacu nta vyo kwangatwa bibaho. Izo nyifato iyo ziba zikiriho nobimenye.<em>\u201d <\/em><\/p>\n<p><strong>Barabihisha? <\/strong><\/p>\n<p>A.N amaze umwaka yigisha kuri nya shure mugabo ngo ntarumva na rimwe ivyo bintu. Naho atavyemanga, avuga ko \u201cata mwonga ubura isato&#8230;.\u201d<\/p>\n<p>Iyo bari mu nama, ubuyobozi ngo bwama bwagabishije abigisha bubabuza \u201cgutangira amanota mu vyumba\u201d . Mugabo rero ngo muri uwu mwaka w\u2019ishure, ngo ntavyigeze bija ahabona. Yamara rero A.N aremeza ko vyama vyavuzwe ko hari imibururano hagati y\u2019abanyeshure n\u2019abigisha. Ati: \u201cNta mwigisha aradomwako urutoke.\u201d Ku bwa A.N iyo ngeso nimba ihari, bibera mu mpisho.<\/p>\n<div style=\"border: 2px solid #1c75c8;padding: 3px;background-color: #c5ddf6\">\n<p><strong>Bose birabaraba |<\/strong>P.M ni umuvyeyi. Abona iyo ngeso ukundi. Ku bwiwe,\u2028iyo umwana yitwaye nabi ngo bitukwa umuvyeyi. Ngo abana b\u2019ubu barataye indero. Ni umuvyeyi w\u2019umwana umwe kuri iryo shure. Wewe ngo nitiyigeze ahigimanga na gato kwandikisha umwana wiwe ngaho. \u201cIri shure ritunganije neza ugereranije n\u2019ahandi usanga bitwara nk\u2019impene zo mu ci atacamira\u201d. Ni ko abibona.<br \/>\nKu bijanye n\u2019ingeso \u2028yo \u201ckwideribera\u201d,\u2028uyo muvyeyi wewe \u2028ntaco abivugako. Nyabuna ngo ico amaze kwumva ni abanyeshure baha igiturire abigisha\u2028 babo kugira\u2028 babahe amanota. Akagwa akavyuka \u2028ati: \u201cMugabo rero\u2028 hari abanyeshure b\u2019abakobwa bamwebamwe bitwara nk\u2019abadandaza umubiri. Ivyo na vyo bitukwa ubwa mbere abavyeyi.\u201d<\/p>\n<\/div>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuryamana n\u2019umwigisha wawe kugira ngo uronke amanota meza, ni uburyo abanyeshure bamwe batoye. Biriyamirizwa naho bigoye kuranduranwa n\u2019imizi. Abayobozi ntibiyobagiza ko iyo ngeso mbi iriho\u2026 \u00a0Turi igihe c\u2019isaha zine n\u2019igice zo mu gatondo kw\u2019ishure rimwe ry\u2019abigenga mu gisagara ca Bujumbura. Ni mu mwanya w\u2019akaruhuko. Abanyeshure baranyagara irya n\u2019ino, hamwe usanga bari kumwe n\u2019abigisha bavugana. Hamwe [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":18,"featured_media":3284,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[23],"coauthors":[100],"class_list":["post-3283","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-bujumbura"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3283","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/18"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3283"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3283\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3298,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3283\/revisions\/3298"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3284"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3283"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3283"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3283"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3283"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}