{"id":3259,"date":"2019-06-25T14:35:26","date_gmt":"2019-06-25T12:35:26","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3259"},"modified":"2019-06-26T17:50:03","modified_gmt":"2019-06-26T15:50:03","slug":"ebola-umugera-utaratorerwa-umuti-burundi-rdc-congo","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ebola-umugera-utaratorerwa-umuti-burundi-rdc-congo\/","title":{"rendered":"Menya ibijanye na Ebola, ntube sindabibazwa nk&rsquo;abari hano"},"content":{"rendered":"<p><strong>Mu gihe Ubushikiranganji bw\u2019Amagara y\u2019abantu bumaze iminsi busigurira ababa mu Burundi ico Ebola ari co, ibimenyetso vyayo, uko yandukira n\u2019ingene boyirinda mu ntumbero yo kuzitira tutaronerwa, haracibonekeza abantu bamwebamwe batumvira impanuro zitangwa n\u2019abaganga.<br \/>\n<\/strong><br \/>\nUcinjira ku bwinjiriro bw\u2019ibitaro bikuru vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore uhasanga indobo isometseko irobine y\u2019amazi n\u2019isabuni ku ruhande, maze uwinjira wese akabanza kuhaca, kugira akarabe iminwe. Iyo ikaba ari imwe mu ngingo zafashwe mu ntumbero yo kwikingira umugera wa Ebola naho hariho abatayubahiriza.<br \/>\nYibereye kuri \u2018touch\u2019 n\u2019utu \u2018\u00e9couteurs\u2019 mu matwi, umusore L\u00e9onard w\u2019ifyeri ryinshi twamusanze ku bwinjiriro bw\u2019ivyo bitaro yanse gose gukaraba nk\u2019abandi imbere yo kwinjira, nk\u2019uko bisabwa. Ibaze nawe umuntu, ntibamutumye kuvoma, nta sabune bamutumye, vyose biri aho, ariko ati:<em> \u00ab\u00a0Muko nkaraba mubanza kumbwira ico munyikekeko!\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n<p>Erega si we gusa. Nk\u2019abantu baza ku bitaro mu miduga, bake cane ni bo bibuka guca ku gikarabiro. Ubwo ni twese tumaze kumenya Ebola ico ari co, ingene ifata, ibi menyetso vyayo n\u2019ingene twoyikingira? Oya, kuko Seremani wo ku mu tumba wa Rweza avuga ko yumva bavuga ngo \u00ab\u00a0Ebola, Ebola\u00a0\u00bb ariko ataco ayiziko. Ngo nta n\u2019iradiyo yifitiye. Ubwo weho woba uyizi?<\/p>\n<p><strong>Ebola ni iki?<\/strong><\/p>\n<p>Nkuko tuvyiganirwa n\u2019umushikiranganji w\u2019amagara y\u2019abantu Thad\u00e9e Ndikumana: <em>\u00abEbola ni umugera wandukira, ubangamye cane kandi wica mu kiringo gito\u00bb<\/em>. Uwo mugera rero, aho ushitse uhasasika inganda. Ntutoranya. Abato n\u2019abakuze urarigita kuko nturatorerwa umuti kuva waduka na bugingo n\u2019ubu.<\/p>\n<p><strong>Uwo mugera wandukira gute?<\/strong><\/p>\n<p>Muganga Jean Bosco Girukwishaka, umuvugizi w\u2019Ubushikiranganji bw\u2019Amagara y\u2019abantu avuga ko umuntu ashobora kwandukirwa akoze ku gikoko canduye, afunguye inyama zaco, akoze mu biyorwe (ibidahwe) vy\u2019uwanduye. Ashobora kandi kwandurira mu ndugumba, ibiseru, amate, amaraso, amazirantoke, umwanda muto, igikomere co ku rukoba.<br \/>\nNi nk\u2019uko kandi umuntu ashobora kwandukirwa ahonyoye aho uwanduye yaciriye amate, canke amukozeko eka mbere ngo naho yokora ku kiziga c\u2019uwishwe n\u2019uwo mu gera canke ku ntumvyi (igikoko capfuye caranduye).<\/p>\n<p><strong>Ni ibihe bimenyetso vyawo?<\/strong><\/p>\n<p>Mu bisanzwe, umuntu ntapfa kumenya ko yanduye uwo mugera adashikiriye abaganga bo babinonosoye, bafise ibikoresho n\u2019ubuhinga bwo kuwupima. Naho biri uko, hariho ibimenyetso bitangura kwibonekeza imbere y\u2019ibindi. Ivyo bimenyetso bikaba ari nk\u2019ubushuhe bwinshi bufata bukumbi, ugucika intege, ukudunerezwa mu mitsi, ukumeneka umutwe, ukubabara mu muhogo. Iyo ingwara iteye yiyongera, haragera n\u2019igihe umugwayi aguma ayorwa, agacibwamwo cane ndetse agatangura no kuva amaraso.<\/p>\n<p><strong>Ni gute umuntu yokwikingira uwo mugera ?<\/strong><\/p>\n<p>Nk\u2019uko tubikesha ubushikiranganji bw\u2019amagara y\u2019abantu, birashoboka ko umuntu yikingira umugera wa Ebola mu gukurikiza impanuro zikurikira: gukaraba amazi meza n\u2019isabuni, kudakora no kutegera ibintu vyose vyavuye mu wanduye uwo mugera eka mbere n\u2019uwikekwa , ari ibiyogwe, amate, umwanda muto, amazirantoke, amaraso n\u2019ibindi, ukwegera kure ikiziga c\u2019uwishwe n\u2019ingwara iterwa n\u2019uwo mugera.<\/p>\n<p>Naho gushika ubu mu Burundi atawuratorwa uwo mugera nk\u2019uko umushikiranganji w\u2019amagara y\u2019abantu Thad\u00e9e Ndikumana avyemeza afatiye kuvyo ibipimo vyakozwe vyerekanye, umurundi wese yibabara akababara n\u2019abandi arakwiye gukurikiza izo mpanuro zose zatanzwe mu gihe hiketswe ibimenyetso vya Ebola kuko ico kiza giteye ubwoba.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe Ubushikiranganji bw\u2019Amagara y\u2019abantu bumaze iminsi busigurira ababa mu Burundi ico Ebola ari co, ibimenyetso vyayo, uko yandukira n\u2019ingene boyirinda mu ntumbero yo kuzitira tutaronerwa, haracibonekeza abantu bamwebamwe batumvira impanuro zitangwa n\u2019abaganga. Ucinjira ku bwinjiriro bw\u2019ibitaro bikuru vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore uhasanga indobo isometseko irobine y\u2019amazi n\u2019isabuni ku ruhande, maze uwinjira wese akabanza kuhaca, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":3260,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[243],"coauthors":[231],"class_list":["post-3259","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-ebola"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3259","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3259"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3259\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3261,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3259\/revisions\/3261"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3260"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3259"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3259"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3259"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3259"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}