{"id":3238,"date":"2019-06-21T16:42:52","date_gmt":"2019-06-21T14:42:52","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3238"},"modified":"2019-06-25T14:41:41","modified_gmt":"2019-06-25T12:41:41","slug":"ikirundi-gikoreshwa-neza-umuziki-abarundi-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ikirundi-gikoreshwa-neza-umuziki-abarundi-burundi\/","title":{"rendered":"Ikirundi coba gikoreshwa neza mu muziki wo mu Burundi ?"},"content":{"rendered":"<p><strong>Kw\u2019igenekerezo rya 21 Ruheshi uko umwaka utashe, Uburundi bwama bwifatanya n\u2019amakungu mu guhimbaza umunsi mukuru waharihiwe umuziki. Ivyo biri ukwo mu gihe hari abavuga ko umuziki w\u2019Uburundi woba uriko urata akanovera bivanye n\u2019akamenyero k\u2019abaririmvyi batari bake biharaje kuririmba indirimbo z\u2019ikirundi mu mudiho w\u2019ikizungu<br \/>\n<\/strong><br \/>\nBamwe mu bakunzi b\u2019umuziki bitereye mu myaka iyo bumvirije ingene urwaruka rw\u2019ubu rwikora mu gahogo rugatako rugakoresha n\u2019amajambo atabanyura ubwenge, hari aho bibanka mu nda bagaheza bakagira bati: <em>\u201dEweee rwaruka rw\u2019ubu ! Akaranga kariko karatituka!\u201d<\/em><\/p>\n<p>Bizimana Claude, ni umwigisha kw\u2019ishure shingiro afise imyaka 42. Uyu avuga ko akunda cane umuziki, ariko akanegura ingene bamwe mu rwaruka rw\u2019ubu rwijukiye kuririmba, rutabigira nk\u2019umwuga ahubwo rubigira kugira rwiryohere. Ku bijanye n\u2019akanovera k\u2019amajambo akoreshwa mu muziki, agira ati: <em>\u201dHariho abaririmba indirimbo zinyura amatwi, ariko hari n\u2019abandi wumviriza indirimbo ikarinda ihera utumvise ico bashaka kuvuga\u201d<\/em>.<br \/>\nNi kwo kuvunira akagohe urwaruka mu kuvuga ko ukuririmba atari ugushaka kumenyekana gusa, ahubwo ko ari ukwigisha, uguhanura biciye mu rurimi runoboye.<\/p>\n<p><strong>Abaririmvyi bo babibona gute?<\/strong><\/p>\n<p><em>\u201cNk\u2019umuririmvyi w\u2019umurundi, ikirundi ndagifata nka karangamuntu yanje. Bumvise jewe bumve ikirundi kandi bumvise ikirundi bumve jewe umurundi<\/em>\u201d. Ayo ni amwe mu majambo umuririmvyi w\u2019umurundi akaba n\u2019umunyeshure muri Kaminuza y\u2019Uburundi mu gisata c\u2019indimi, imico n\u2019akaranga nyafirika Barutwanayo Carito batazira Bar C akoresha mu kwerekana ikibanza aha ikirundi mu muziki akora.<\/p>\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\">\n<p lang=\"in\" dir=\"ltr\">Ngo ikirundi ni ururimi rukenye? Haba namba&#8230; <a href=\"https:\/\/t.co\/eV5LSBNQPd\">https:\/\/t.co\/eV5LSBNQPd<\/a><a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a> <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/IndimiKama?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#IndimiKama<\/a> <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Journ%C3%A9edelaLangueMaternelle?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Journ\u00e9edelaLangueMaternelle<\/a> <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/MotherLanguageDay?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#MotherLanguageDay<\/a> <a href=\"https:\/\/t.co\/0gjjHHIiBk\">pic.twitter.com\/0gjjHHIiBk<\/a><\/p>\n<p>&mdash; Jimbere (@JimbereMag) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1099959820793323520?ref_src=twsrc%5Etfw\">February 25, 2019<\/a><\/p><\/blockquote>\n<p><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script><\/p>\n<p>Bar C abona ko no muri iki gihe ikirundi gifise ikibanza kitari gito mu muziki nubwo ngo hacibonekeza agahaze mu bijanye no kwubahiriza inyubako yaco igihe bandika indirimbo canke bikora mu gahogo. Nikwo kubisobanura agira ati: <em>\u00ab\u00a0Erega akanovera k\u2019indirimbo ntikari mu mudiho gusa, karanari mu gukoresha amajambo atyoroye afise ico asigura.\u201d<\/em><br \/>\nNa yo ku kuvanga indimi mu muziki, ntatinya kwemeza atarya umunwa ko ari vyiza, ngo bisabwa gusa ko zivangwa mu mategeko maze zose zikubakwa neza kandi zigatanga ubutumwa ukwo buri bugashika no ku bo bwagenewe.<\/p>\n<p><strong>Ibintu vyarahindutse<\/strong><\/p>\n<p>Harabaye igihe ikirundi cari citwararitswe cane mu muziki nkuko vyemezwa n\u2019umuririmvyi <a href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/bernice-the-bell-diva-burundi-music-isanganiro-awards\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener noreferrer\">B\u00e9r\u00e9nice Irumva<\/a>. Ngo imbere y\u20191993, umuririmvyi yaririmba indirimbo zifise akanovera, zifise ico zisigura. Ariko ngo inyuma gato y\u20191993 haraje urundi rwaruka rw\u2019abaririmvyi baririmba uruvangatirane rw\u2019indimi, bakaririmba biryohera gusa.<br \/>\nIrumva agira ati: <em>\u201dTwebwe abaririmvyi bo muri iki gihe ca none turakwiye kwegera abatwitangiye imbere mu muziki bazi vyinshi, tukabasaba impanuro, tugaperereza, kandi tukiyumvira cane ico tugomba kuvuga tukaraba ko kiri mu karanga k\u2019iwacu.\u201d<\/em><\/p>\n<p>Freddy Kwizera batazira Botchum arongoye ishirahamwe ry\u2019abaririmvyi mu Burundi we ati:<em> \u201dNta muntu akwiye kugira ico anegura ku bijanye n\u2019ikoreshwa ry\u2019ururimi mu muziki, kuko ushaka gutera imbere ukora ivyo abandi bakunda; kandi ukaraba abo ushaka kubwira. Ehe namwe ni murabe: abaririmvyi bazwi nka Kidum batanguye kumenyekana igihe batanguye kuririmba mu giswahiri. Erega niko, ni narwo rurimi ruhuza abantu benshi mu karere duherereyemwo\u201d!<\/em><\/p>\n<p>Burya mu bisanzwe nkuko Ferdinand Mberamihigo umuhinga mu rurimi rw\u2019ikirundi akaba n\u2019umwigisha muri Kaminuza y\u2019Uburundi abimenyesha, ngo mu muziki, iyo ari umuziki uhanitse, unoboye, aho harakenerwa ubuhinga bw\u2019ururimi, impinyanyuro zigakoreshwa kandi n\u2019amategeko y\u2019ururimi agakurikizwa, ariko iyo ari imiziki isanzwe ngo hari igihe umuririmvyi akenera kuvanga indimi kugira umuziki wiwe uryohe ariko akabigira adataye iciyumviro c\u2019ubutumwa ashaka gushikiriza.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kw\u2019igenekerezo rya 21 Ruheshi uko umwaka utashe, Uburundi bwama bwifatanya n\u2019amakungu mu guhimbaza umunsi mukuru waharihiwe umuziki. Ivyo biri ukwo mu gihe hari abavuga ko umuziki w\u2019Uburundi woba uriko urata akanovera bivanye n\u2019akamenyero k\u2019abaririmvyi batari bake biharaje kuririmba indirimbo z\u2019ikirundi mu mudiho w\u2019ikizungu Bamwe mu bakunzi b\u2019umuziki bitereye mu myaka iyo bumvirije ingene urwaruka rw\u2019ubu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":3239,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[2,241],"tags":[228],"coauthors":[189],"class_list":["post-3238","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-opinions","category-umuziki","tag-ikirundi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3238","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3238"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3238\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3243,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3238\/revisions\/3243"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3239"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3238"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3238"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3238"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3238"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}