{"id":3222,"date":"2019-06-19T12:05:36","date_gmt":"2019-06-19T10:05:36","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3222"},"modified":"2019-06-20T10:49:46","modified_gmt":"2019-06-20T08:49:46","slug":"umunsi-mpuzamakungu-wahariwe-umwana-africa-buterere-burundi-bujumbura-unicef-onlct","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umunsi-mpuzamakungu-wahariwe-umwana-africa-buterere-burundi-bujumbura-unicef-onlct\/","title":{"rendered":"\u00ab\u00a0Iyarara ryo ku Buterere rirakwiye kujanwa kure y\u2019igisagara, kuko abana bo mw&rsquo;ibarabara baza baryisunga\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"<p><strong>Mu Buterere, zone iri mu gisagara ca Bujumbura, hibonekeza igitigiri kinini c\u2019abana bo mw\u2019ibarabara kubera utwo batoratora mw\u2019iyarara riri muri iyo zone. Niyo mpamvu abana ba ntahonikora, abatawe n\u2019abavyeyi eka n\u2019impfuvyi basangwa muri ico kibanza kuko ari co bwirukiro barondereramwo icorirenza. Kubw\u2019ivyo, ico kibanza cagenywe ngo gihimbarizwemwo umunsi mpuzamakungu wahariwe umwana w\u2019umunyafirika ku civugo: <em>\u201cDushire imbere na ntaryo agateka k\u2019abana mu gufasha abatishoboye na canecane abashikiwe n\u2019ivyago bitandukanye\u201d.<\/em><\/strong><\/p>\n<p>Kugira umuntu atahure igituma ico gikorwa cabereye mu Buterere, Me. Prime Mbarubukeye aserukira imbere y\u2019amategeko \u00ab\u00a0ONLCT O\u00f9 est ton fr\u00e8re\u00a0\u00bb yarerekanye ingene igisagara ca Bujumbura ari co kiza imbere mu miji y&rsquo;i Burundi irwiriyemwo abana bo mw\u2019ibarara. Abo na bo bakaba baza bisunga iyarara ryo ku Buterere: imiryango irenga 507 n\u2019abana bahatoratora ivyo bahataye barenga 1.520. Prime ati:<em> \u00ab\u00a0Iryo yarara ryo ku Buterere rirakwiye kujanwa kure y\u2019igisagara, kandi aho ryoja hose rigakingirwa, abana bo mwibarabara bagafashwa kwiga no kuvuzwa bakavuzwa\u00a0\u00bb.<\/em><\/p>\n<p>Nico gituma rero umunsi mpuzamakungu wahariwe umwana w\u2019umunyafirika wahimbarijwe mu kigo c\u2019ishure Don Bosco kiri ku Buterere kuri uwu wa 18 Ruheshi mu gisagara ca Bujumbura. Abana bose bo ku mashure ari muri iyo zoni bari basidukanye n\u2019iyonka baherekejwe n\u2019abarezi babo eka mbere hari n\u2019abavyeyi bari bahishikiye baje gushigikira abana babo.<br \/>\nKuva igihe c\u2019isaha zitatu abana baguma bacanacanako bambaye umwambaro w\u2019ishure eka mbere hari n\u2019abarengejeko udupira twanditseko amajambo ahuriranye n\u2019icivugo cahariwe uwo munsi mukuru. Umunezero wari wose mu maso yabo bana ku buryo vyaboneka ko uwo munsi mukuru ari uwabo vyukuri.<\/p>\n<p>Mu kurindira ibirori nyezina, abatimbo b\u2019ingoma z\u2019iwacu baguma bazinihisha, aba DJ na bo ntibatanzwe mu kurekura ingoma za B.face, umwana wese yari aho yagaragaza umunezero uko avyumva. 11h 47 ni ho abakuru bahavyagira.<\/p>\n<div id=\"attachment_3230\" style=\"width: 1090px\" class=\"wp-caption aligncenter\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" aria-describedby=\"caption-attachment-3230\" class=\"wp-image-3230 size-full\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/06\/Abashitsi-biteka-kuri-16-Ruheshi-ku-Buterere.jpeg\" alt=\"\" width=\"1080\" height=\"720\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/06\/Abashitsi-biteka-kuri-16-Ruheshi-ku-Buterere.jpeg 1080w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/06\/Abashitsi-biteka-kuri-16-Ruheshi-ku-Buterere-300x200.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/06\/Abashitsi-biteka-kuri-16-Ruheshi-ku-Buterere-768x512.jpeg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/06\/Abashitsi-biteka-kuri-16-Ruheshi-ku-Buterere-1024x683.jpeg 1024w\" sizes=\"auto, (max-width: 1080px) 100vw, 1080px\" \/><p id=\"caption-attachment-3230\" class=\"wp-caption-text\"><em><strong>\u00a9Jimbere | Umushikiranganji w\u2019Agateka ka zina muntu, Imibano n\u2019Iterambere Ridakumira Martin Nivyabandi ari kumwe n\u2019umushikiranganji w\u2019Indero, umukuru w\u2019igisaga ca Bujumbura, hamwe n\u2019uwuserukira ishirahamwe ryitaho ibibondo Unicef ni bo buguruye ibirori mu guhungabanisha ibendera ry\u2019Uburundi<\/strong><\/em><\/p><\/div>\n<p><strong>Kubera iki uyo munsi ?<\/strong><\/p>\n<p><em>\u201cNtakabura imvo\u201d<\/em> ni ko abarundi bavuga. Martin Nivyabandi yabanje kwibutsa icatumye uwo munsi ushingwa. Ati \u00ab\u00a0<em>Hari mu 1976 igenekerezo rya 16 ruheshi i Soweto, muri Afirika y\u2019epfo, abana amajana bishwe n&rsquo;<a href=\"https:\/\/fr.wikipedia.org\/wiki\/Apartheid\" target=\"_blank\" rel=\"noopener noreferrer\">intwaro y&rsquo;ivanguramoko<\/a> bariko baragira imyiyerekano basaba uburenganzira bwo kwigishwa mu rurimi bavuga\u00a0\u00bb.<\/em><br \/>\nUbumwe bw\u2019ibihugu vya Afrika bukaba bwaciye bwiyumvira gushiraho umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka k\u2019umwana w\u2019umunyafirika kuko bari bamaze kubona ko nya gateka katubahirijwe.<br \/>\nMu 1991, igenekerezo rya 16 Ruheshi, akaba ari ho uwo munsi washingwa kugira baze baribuka abo bana bazize uburenganzira bwabo. Ariko yamenyesheje kandi ko ari n\u2019akaryo keza ku bihugu vya Afrika vy\u2019ukwicara bikarimbura ibijanye n\u2019agateka n\u2019uburenganzira bw\u2019umwana.<\/p>\n<p>Jeremy Hopkins, aserukira ishirahamwe ryitaho ineza y\u2019ibibondo Unicef mw\u2019ijambo ryiwe yavuze ko Uburundi ari igihugu kirwiriyemwo abana, arico gituma Unicef yiyemeje gushigikira abana gushika ibonye neza ko agateka kabo kubahirijwe, <em>\u00ab\u00a0haba mu kwiga, mu kwivuza, no kwandikwa mu bitabo vyo muri komine\u00a0\u00bb.<\/em><\/p>\n<p><strong>Ni ibiki biriko birakorwa mu gukingira agateka k\u2019umwana ?<\/strong><\/p>\n<p>Umushikiranganji Martin Nivyabandi ati: <em>\u00ab\u00a0Reta yarihaye umugambi wo kuvuza abana ku buntu, kubigisha ku buntu, kubandikisha kw\u2019ikomine, gukurwa mw\u2019ibarabara bagasubizwa mu miryango yabo\u2026\u00a0\u00bb <\/em>Yongerako ati: <em>\u00ab\u00a0Abana barenga 3.500 hamwe n\u2019abakuze basegereza bababa 1.400 baramaze gukurwa mw\u2019ibarabara barasubizwa mu miryango yabo kandi barakurikiranwa bakanafashwa mu minsi yambere.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n<p>Mu ntumbero yo gutuma umugambi wa Reta wubahirizwa, Nivyabandi agira ati: <em>\u00ab\u00a0Gutembereza ikimuga ku mabarabara ugicisha amafaranga birahanwa n\u2019amategeko kandi n\u2019ugufashisha umwana ari kw\u2019ibarabara amafaranga ni ukumuhamagarira kurigumako. Uwufise agatima ko kubafasha azobicisha mu migwi yo gufatana munda, atari ukwo bazohanwa hisunzwe amategeko\u00a0\u00bb<\/em>. Akaba yasavye abavyeyi ko bokitwararika ibibondo vyabo, bakavyara abo bashoboye kurera, kwambika, kwigisha, kuvuza\u2026<\/p>\n<p>Imirisho y\u2019ingoma niyo yakurikiye iryo jambo, abigeme b\u2019abakongomani bahungiye mu Burundi bakorokerako n\u2019intambo n\u2019indirimbo zo mw\u2019iringara, maze ibirori vyose birangizwa n\u2019utuganuke tugizwe n\u2019amasabuni, umuceri, ibiharage n\u2019isukari Umushikiranganji Martin Nivyabandi yari yazaniye imiryango ireze abana bakuwe kw\u2019iyarara.<\/p>\n<p>&nbsp;<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu Buterere, zone iri mu gisagara ca Bujumbura, hibonekeza igitigiri kinini c\u2019abana bo mw\u2019ibarabara kubera utwo batoratora mw\u2019iyarara riri muri iyo zone. Niyo mpamvu abana ba ntahonikora, abatawe n\u2019abavyeyi eka n\u2019impfuvyi basangwa muri ico kibanza kuko ari co bwirukiro barondereramwo icorirenza. Kubw\u2019ivyo, ico kibanza cagenywe ngo gihimbarizwemwo umunsi mpuzamakungu wahariwe umwana w\u2019umunyafirika ku civugo: \u201cDushire [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":3223,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[23,240,135],"coauthors":[189],"class_list":["post-3222","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-bujumbura","tag-buterere","tag-unicef"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3222","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3222"}],"version-history":[{"count":6,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3222\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3231,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3222\/revisions\/3231"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3223"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3222"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3222"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3222"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3222"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}