{"id":3210,"date":"2019-06-16T19:36:54","date_gmt":"2019-06-16T17:36:54","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3210"},"modified":"2019-07-15T20:48:05","modified_gmt":"2019-07-15T18:48:05","slug":"rumonge-guharanira-amahoro-nkabakenyezi-bintwari-bibagiwe-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/rumonge-guharanira-amahoro-nkabakenyezi-bintwari-bibagiwe-burundi\/","title":{"rendered":"Ku musenyi wo mu Rumonge, biyemeje \u00ab\u00a0guharanira amahoro nk\u2019Abakenyezi b\u2019intwari bibagiwe\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"<p align=\"justify\"><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\"><b>Kw\u2019igenekerezo rya 13 Ruheshi, <em>\u201cAbakenyezi b\u2019intwari bibagiwe\u201d<\/em> bagendeye intara ya Rumonge. Abatware n\u2019abatwarwa barakengurutse cane. Biyemeje na bo kubumbatira amahoro, n\u2019ugushikiriza abandi ivyo bari biyumviye.<\/b><\/span><\/span><\/p>\n<p align=\"justify\"><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Mu Rumonge baranyuzwe n\u2019ivyo bashikirijwe n\u2019abakenyezi Jorojeta Mahwera Rejina Nduwimana, barongowe na Christine Ntahe. Amashi, ugukenguruka, ndetse n\u2019utuvyino, vyaragaragaje akanyamuneza abitavye ikiganiro bari bafise. Bagandagaje ku nkengera za Tanganyika, naho izuba ryari ryinshi nta co vyababwira. Kanatsinda akayaga kava mu kiyaga karagabanya ubushuhe. <\/span><\/span><\/p>\n<p align=\"justify\"><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Abarovyi bamwe warabona ko bariko baratunganya amato yabo. Abana na bo baguma bidumbagura mu kiyaga boga. Hirya gato hariyo ubwato bunini bwa gisirikare, bucungera umutekano mu mazi. Ivyo vyose vyarabamara irungu, kanatsinda haguma hanasamirana indirimbo zitandukanye z\u2019abarundi n\u2019abanyamahanga zavugira mu vyuma biduza amajwi. Abitavye bagizwe ahanini n\u2019abakenyezi b\u2019abisiramu, ubona ko hari hafi ya karitiye Swahili. Muri nya bakenyezi harimwo abakangurira amahoro, n\u2019abandi bari mu mashirahamwe atandukanye. <\/span><\/span><\/p>\n<p align=\"justify\"><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Abafashe amajambo bose, yaba umuhanuzi wa Buramatari wa Rumonge canke uwurongoye ikigo kijejwe iterambere ry\u2019ingo n\u2019imiryango mu ntara ya Rumonge (CDFC), bose barakengurukiye Christine Ntahe yanditse ico gitabo, banakeza nya bakenyezi. Bompi batera akamo abanyarumonge ngo bisunge akarorero \u201ck\u2019abo bahevye amagara yabo kugira ngo barokore ay\u2019abandi.\u201d Vyaraboneka ko bakebura abumva. Bose bari bateze amatwi. Uretse ibisebuzi vya Tanganyika, nta n\u2019uwakorora atari uwaba ariko ashikiriza ijambo.<\/span><\/span><\/p>\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\">\n<p lang=\"fr\" dir=\"ltr\">&quot;Une femme n&#39;a pas d&#39;ethnie. On l&#39;a vu avec les Hutu mari\u00e9es aux Tutsi, ou les Tutsi mari\u00e9es aux Hutu. Son unique identit\u00e9, partout au <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a>, c&#39;est sa condition de m\u00e8re, de pilier du foyer, de gardienne de la chaleur familiale&quot;&#8230;<br \/>Des propos qui ont \u00e9mu l&#39;assistance<a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a> <a href=\"https:\/\/t.co\/GcdyLjdPYr\">pic.twitter.com\/GcdyLjdPYr<\/a><\/p>\n<p>&mdash; Jimbere (@JimbereMag) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1139970100310753280?ref_src=twsrc%5Etfw\">June 15, 2019<\/a><\/p><\/blockquote>\n<p><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script><\/p>\n<p align=\"justify\"><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\"><b>Biyemeje na bo kuba intwari<\/b><\/span><\/span><\/p>\n<p align=\"justify\"><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Umuhutukazi Jorojeta Mahwera, ubona ko ari umunyakinama, yaciye abonerwaho ashinga intahe yiwe mu giswahiri. Yabaciriye ku mayange ivyo yaciyemwo be n\u2019abo bafashanije mu kugarukana amahoro mu mazone ya Kinama na Cibitoke mu gisagara ca Bujumbura. Hari inyuma ya 1993. Umutamakazi yitwa Maneno Cubwa ntiyigumije. Yahagurutse, ikiroroge kiramuniga aramugumbira cane. <\/span><\/span><\/p>\n<p align=\"justify\"><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Rejina Nduwimana na we nyene yarababwiye ivyo yaciyemwo muri Marangara. Uwo mututsikazi yitaye ku biti no ku mabuye maze abakenyezi bo muri Marangara basubira kugenderanira. <\/span><\/span><\/p>\n<p align=\"justify\"><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Christine Ntahe yaza arabunganira, akanatanga intumbero y\u2019ikiganiro, ubona ko ari umumenyeshamakuru yabunyoye mu biganiro. <\/span><\/span><\/p>\n<p align=\"justify\"><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Wa mutamakazi Cubwa nta wamutanze gufata ijambo. N\u2019umunezero udaseswa yavuze mu giswahiri ati<\/span><\/span><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\"><i>: \u201c Ndashimye ivyo numvise, ndagiye kubibwira abandi.\u201d<\/i><\/span><\/span><\/p>\n<p align=\"justify\"><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Bose bari bashimye intumbero y\u2019ikiganiro. Uwafata ijambo wese, yavuga ico akuyemwo n\u2019ico agiye gukora. Languide Muhimpundu ati<\/span><\/span><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\"><i>: \u201cIco nkuyemwo ni uko abakenyezi ba Rumonge twokwiyemera tugahagararira amahoro aho turi hose.\u201d<\/i><\/span><\/span><\/p>\n<p align=\"justify\"><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Vyaraboneka ko afise inyota yo kubibwira abandi, aca abaza ko birekuwe gushikira abandi ababwira ibiri muri ico gitabo. <\/span><\/span><\/p>\n<p align=\"justify\"><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Kubera buca Uburundi bwinjira mu matora, abafashe amajambo ntibatanzwe guhamagarira abakenyezi ba Rumonge kubumbatira amahoro. Eka n\u2019abagabo barafashe ijambo, biyemeza gushigikira abakenyezi. <\/span><\/span><\/p>\n<p align=\"justify\"><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Umusore yitwa Meshak Niyonkuru na we yemeza ko urwaruka ruja mu bwicanyi kubera kutamenya. Akagira ati: <\/span><\/span><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\"><i>\u201cIyo abavyeyi bose baba bameze nkamwe bakaza baratwigisha akahise! Ndasavye mukwire igihugu cose mubimenyeshe.\u201d <\/i><\/span><\/span><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Hari n\u2019umwigeme yamwunganiye asaba urwaruka kudahendwa. <\/span><\/span><\/p>\n<p align=\"justify\"><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Christine Ntahe yabemenyesheje ko babwirizwa kubumbatira amahoro bahereye ku ziko. Abavyeyi rero ngo bitwararike indero y\u2019abana ku buryo bamenya ivyo barimwo. <\/span><\/span><\/p>\n<p align=\"justify\"><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Ico kiganiro casozerewe n\u2019uguha udushimwe dutandukanye abitavye. Umupfasoni yaserukiye Buramatari na we yarakengurutse cane. Amenyesha abashitsi ko batataye umwanya. Na we nyene ntiyatanzwe gusaba abo arongoye ko ivyo bumvise bobigira rwabo. <\/span><\/span><\/p>\n<p align=\"justify\"><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Ba bakenyezi baciye batererako akavyino basezera mu giswahiri bati: <em>\u201cKwaheri\u201d<\/em>. Baca bivyinira ikirundi na co ngo <em>\u201cVyagira tuyage nari mbakumbuye.\u201d<\/em><\/span><\/span><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kw\u2019igenekerezo rya 13 Ruheshi, \u201cAbakenyezi b\u2019intwari bibagiwe\u201d bagendeye intara ya Rumonge. Abatware n\u2019abatwarwa barakengurutse cane. Biyemeje na bo kubumbatira amahoro, n\u2019ugushikiriza abandi ivyo bari biyumviye. Mu Rumonge baranyuzwe n\u2019ivyo bashikirijwe n\u2019abakenyezi Jorojeta Mahwera Rejina Nduwimana, barongowe na Christine Ntahe. Amashi, ugukenguruka, ndetse n\u2019utuvyino, vyaragaragaje akanyamuneza abitavye ikiganiro bari bafise. Bagandagaje ku nkengera za Tanganyika, naho [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":34,"featured_media":3201,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[236],"tags":[46],"coauthors":[237],"class_list":["post-3210","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-abakenyezi-bintwari-bibagiwe","tag-rumonge"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3210","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/34"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3210"}],"version-history":[{"count":9,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3210\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3496,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3210\/revisions\/3496"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3201"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3210"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3210"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3210"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3210"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}