{"id":3168,"date":"2019-06-06T11:33:15","date_gmt":"2019-06-06T09:33:15","guid":{"rendered":"https:\/\/jimbere.org\/amayagwa\/?p=3168"},"modified":"2019-06-10T14:38:56","modified_gmt":"2019-06-10T12:38:56","slug":"umushikiranganji-ndirahisha-arakeza-abanyeshure-biga-bakamenya-kandi-bariko-barikorera-utwabo-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umushikiranganji-ndirahisha-arakeza-abanyeshure-biga-bakamenya-kandi-bariko-barikorera-utwabo-burundi\/","title":{"rendered":"Umushikiranganji Ndirahisha arakeza abanyeshure biga, bakamenya, kandi bariko barikorera utwabo"},"content":{"rendered":"<p><span style=\"font-size: large\"><b>Naho gushika ubu hakiri abatari bake mu rwaruka rw\u2019abanyeshure bagitwikiriwe n\u2019igitutu c\u2019uko bakirangiza amashure bazohita baronswa akazi na Reta ivyo bikabatera kuguma bareze amaboko, hari abandi bariko bakorana ubwira budasanzwe mu kwikorera utwabo kandi ivyo bakabifadikanya n\u2019ishure. Bene abo, barakwiye gushigikirwa. Tubishikirizwa n\u2019Umushikiranganji w\u2019Indero n\u2019Inyigisho z\u2019Imyuga, Janviere Ndirahisha. <\/b><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\">Kuwa 28 Rusama 2019, mu nyubakwa y\u2019ubushikiranganji bw\u2019indero n<\/span><span style=\"font-size: large\">&lsquo;<\/span><span style=\"font-size: large\">\u00ednyigisho z\u2019imyuga habereye ibirori vy\u2019ugushigikira urwaruka rw\u2019abanyeshure bo mu mashure shingiro mu bikorwa vyo kwikorera utwabo aho baronkejwe ibidandazwa vy\u2019ubwoko butandukanye bivanye n\u2019uko umwe wese yari yarerekanye urutonde rw\u2019 ivyo yipfuza guherako kudandaza. Si ivyo gusa, hari n\u2019ibishingantahe vy\u2019abari barakorewe igikorwa nk\u2019ico mu mwaka wa 2017.<\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\"><b>Abahawe umutahe ubwa mbere vyabagendeye gute\u00a0?<\/b><\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\">Kwizera Samuel ni umwe mu banyeshure baribararonkejwe umutahe. Agira ati\u00a0:\u00a0<\/span><span style=\"font-size: large\"><i>\u00ab\u00a0Jewe nari nahawe umutahe w\u2019amakaye 12. Munyuma y\u2019aho ndandaza ubuki n\u2019ifu y<\/i><\/span><span style=\"font-size: large\"><i>&lsquo;<\/i><\/span><span style=\"font-size: large\"><i>umusururu, ariko kubw\u2019uko ubuki butanyoroheye kudandaza, nahavuye ndabuheba ndandaza amasabuni, ubu nkaba ngeze ku bihumbi amajana atandatu na mirongo ibiri (620.000) vy\u2019amafaranga y\u2019amarundi. Ivyo bikorwa nabifadikanya n\u2019ishure kandi ntaco vyanyiciye kuko mwishure nagumye menya ukuri kwamye.\u00bb<\/i><\/span><\/p>\n<div id=\"attachment_3172\" style=\"width: 745px\" class=\"wp-caption alignright\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" aria-describedby=\"caption-attachment-3172\" class=\" wp-image-3172\" src=\"https:\/\/jimbere.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/06\/Eleves-primes-par-le-Ministre-de-lEducation-1024x768.jpg\" alt=\"\" width=\"735\" height=\"551\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/06\/Eleves-primes-par-le-Ministre-de-lEducation-1024x768.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/06\/Eleves-primes-par-le-Ministre-de-lEducation-300x225.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/06\/Eleves-primes-par-le-Ministre-de-lEducation-768x576.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/06\/Eleves-primes-par-le-Ministre-de-lEducation.jpg 1200w\" sizes=\"auto, (max-width: 735px) 100vw, 735px\" \/><p id=\"caption-attachment-3172\" class=\"wp-caption-text\"><em>Abanyeshure bahawe udushimwe kubera bazi gutunganya ibikorwa vyinjiza amahera, kandi bakiri ku ntebe y&rsquo;ishuri (\u00a9 Burundi Eco)<\/em><\/p><\/div>\n<p><span style=\"font-size: large\">Irankunda Lucie nawe agira ati\u00a0:\u00a0\u00ab\u00a0<\/span><span style=\"font-size: large\"><i>Nahawe ifarini n\u2019ibindi bijana mu gukora ibitumbura. Vyose hamwe vyari bifise agaciro k\u2019ibihumbi 38.400 ariko gushika ubu ngeze ku mafaranga y\u2019amarundi 250.000 n\u2019ay\u2019umutahe natanguranye hejuru. Ego rimwe na rimwe vyarashika nkahomba ariko ntivyanciye intege, narakobeje. <\/i><\/span><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\"><i>Ivyo bikorwa narabikora kandi niga, kandi vyose bikagenda neza n\u2019ubu ndabandanya<\/i><\/span><\/span><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">\u00a0\u00bb.<\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Bahejeje gushingira intahe urwaruka rubakurikiye uko vyabagendeye, Appolinaire Harerimana umwigisha mukuru yaserukiye ishirahamwe Start up rifise icivugo:<\/span><\/span><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">\u00ab<\/span><\/span><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Rwaruka haguruka<\/span><\/span><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">\u00bb<\/span><\/span><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\"> rikaba rikorana n\u2019ubushikirangaji bw\u2019inyigisho, rironsa urwaruka rwo mu mashure shingiro inyigisho zo kugwiza itunga biciye mu ngiro, agira ati\u00a0:\u00a0\u00ab<\/span><\/span><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\"><i>\u00a0Birakunda ko igikorwa co kugwiza itunga kibangikanwa n\u2019ivyigwa kandi ukazoja guheza amashure yawe ushobora kwirangurira imigambi utazeye inze.Turigisha abanyeshure bo mu mashure Shingiro kugirango tubafashe gushira mu ngiro ivyo baba barize mu cirwa co kwikorera utwabo kandi ntaco dusaba\u00bb.<\/i><\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\"><i><b>Ni bangahe bahawe umutahe, bahawe iki<\/b><\/i><\/span><\/span><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\"><i>\u00a0?<\/i><\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\"><i>Bose hamwe, abahawe umutahe bari 6. <\/i><\/span><\/span><span style=\"font-size: large\"><i>Akanyamuneza kari kose kuko n\u2019ubwo ata n\u2019umwe yaronkejwe ibidandazwa birenza amafaranga y\u2019amarundi 45000, bizera ko ivyo bike bizobungukira vyinshi. Hatanzwe amagi, amavuta, ikarato y\u2019ifanta , ifarini, n<\/i><\/span><span style=\"font-size: large\"><i>&lsquo;<\/i><\/span><span style=\"font-size: large\"><i> amasabuni<\/i><\/span><span style=\"font-size: large\">. Bose ntibaronse bimwe. Umwe wese yahawe ivyo yasavye abona ko vyomuteza imbere bibaye arivyo ahereyeko.<\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\">Kubw\u2019umushikiranganji w\u2019indero, urwaruka rukiri ku ntebe y\u2019ishure, rurakwiye gukura amaboko mu mpuzu ntirurindire ngo ruzokora utworuteza imbere ruhejeje amashure y\u2019arwo kuko bishoboka ko umuntu afatanya ishure n\u2019ibikorwa vyo kwiteza imbere kandi vyose bikagenda neza. Ngo kugira utangure kwikorera utwawe ntibisaba guhera ku mutahe munini ahubwo bisaba umutwe.<\/span><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Naho gushika ubu hakiri abatari bake mu rwaruka rw\u2019abanyeshure bagitwikiriwe n\u2019igitutu c\u2019uko bakirangiza amashure bazohita baronswa akazi na Reta ivyo bikabatera kuguma bareze amaboko, hari abandi bariko bakorana ubwira budasanzwe mu kwikorera utwabo kandi ivyo bakabifadikanya n\u2019ishure. Bene abo, barakwiye gushigikirwa. Tubishikirizwa n\u2019Umushikiranganji w\u2019Indero n\u2019Inyigisho z\u2019Imyuga, Janviere Ndirahisha. Kuwa 28 Rusama 2019, mu nyubakwa y\u2019ubushikiranganji [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":3171,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[235,234,63,131],"coauthors":[231],"class_list":["post-3168","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-amabi-akorerwa-abakenyezi","tag-care-burundi","tag-kirundo","tag-muramvya"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3168","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3168"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3168\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3174,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3168\/revisions\/3174"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3171"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3168"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3168"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3168"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3168"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}