{"id":3140,"date":"2019-06-03T12:44:02","date_gmt":"2019-06-03T10:44:02","guid":{"rendered":"https:\/\/jimbere.org\/amayagwa\/?p=3140"},"modified":"2019-06-10T14:38:23","modified_gmt":"2019-06-10T12:38:23","slug":"ikimanga-ku-mugoboka-kirahagaritse-imitima-ya-benshi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ikimanga-ku-mugoboka-kirahagaritse-imitima-ya-benshi\/","title":{"rendered":"Ikimanga ku Mugoboka kirahagaritse imitima ya benshi"},"content":{"rendered":"<p class=\"western\"><span style=\"font-size: large\"><b>Abanyagihugu bo ku Mugoboka ya mbere barahagaritswe umutima n\u2019ikimanga kidasanzwe giheruka kwaduka aho hantu. Carimburuye ibarabara, amazu y\u2019 abantu asa n\u2019ayahagaze kuri co gushika ubu abo gihanamiye bakaba batekewe n\u2019ubwoba budasanzwe bibaza uko bagiye kubikika. Hari kw\u2019igenekerezo ryo kuwa 27 rusama aho ikinyamakuru Jimbere catohoza ayo makuru.<\/b><\/span><\/p>\n<p class=\"western\"><span style=\"font-size: large\">Mugoboka ni umutumba uri mu buraruko bushira ubuseruko bw\u2019igisagara ca Bujumbura muri karatiye Mutanga\u00a0\u2013 Sud, zone Rohero aho hakaba ari muri komine Mukaza. Urenganye gato ahari akaguriro muri Mugoboka ya mbere i ruhande y\u2019uruzi Ntahangwa, uhasanga ikimanga cimburuye ibarabara n\u2019amazu.<\/span><\/p>\n<p class=\"western\"><span style=\"font-size: large\">Ico kimanga ntigisanzwe na gato.Ugereranije coba gifise nk\u2019imetero indwi z\u2019ubujakuzimu kikaba cagutse cane. Caraseregese amazu y\u2019abantu, kugera ubu akaba asa n\u2019ayahagaze mu kirere nayo abahaca barengana, barasoboka bamwe bakagomba kwigabanya ibiro bitari bukunde ivyo vyose bakabigira kubw\u2019ubwoba bw\u2019uko bashobora gutibukirayo mu gihe bariko barajabuka. Harahomvaguritse ntiworaba. Mu kujabuka Batonda ku murongo nk\u2019abajabukira ku mugogo.Uw\u2019impungenge we abonye ageze hakurya ariruhutsa.<\/span><\/p>\n<p class=\"western\"><span style=\"font-size: large\"><b>Ab\u2019aho bo babivugako iki\u00ad\u00a0?<\/b><\/span><\/p>\n<p class=\"western\"><span style=\"font-size: large\">Aline Miburo ni umukenyezi aba mu rupangu rwenena kuri iyo manga agira ati\u00a0:\u00a0\u00ab\u00a0Imitima ntikiri mu nda kubw\u2019<\/span><span style=\"font-size: large\"><i>ico kimanga kuko umwanya n\u2019umwanya gishobora gutembana inzu na twebwe abazibamwo tukagiramwo &#8230;none ko atahandi dufise turibwimukire turi bugire dute? Nyabuna reta n\u2019abagiraneza barakwiye kugira ico bakoze ahandi ho muzumva cihaye inkumbi,\u2026\u00a0\u00bb.<\/i><\/span><\/p>\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\">\n<p lang=\"in\" dir=\"ltr\">Insigabwenge y\u2019umugaga uteje isibe ku <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Winterekwa?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Winterekwa<\/a>. Inararibonye iti: &quot;Umusozi Nyamanogo wari ufatanye imbere y\u2019uko hanyika 1981. Ivyari biharangwa vyose vyarazimanganye, harimwo n\u2019ibomba rya rusengo Abadagi bari barahubatse&quot; <a href=\"https:\/\/t.co\/MRA0vLt76L\">https:\/\/t.co\/MRA0vLt76L<\/a><a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Ibidukikije?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Ibidukikije<\/a> <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a> <a href=\"https:\/\/t.co\/PyvwqpKMMe\">pic.twitter.com\/PyvwqpKMMe<\/a><\/p>\n<p>&mdash; Jimbere (@JimbereMag) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1112730866860593152?ref_src=twsrc%5Etfw\">April 1, 2019<\/a><\/p><\/blockquote>\n<p><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script><\/p>\n<p class=\"western\"><span style=\"font-size: large\">R<\/span><span style=\"font-family: Ubuntu, serif\"><span style=\"font-size: large\">\u00e9<\/span><\/span><span style=\"font-size: large\">v<\/span><span style=\"font-family: Ubuntu, serif\"><span style=\"font-size: large\">\u00e9<\/span><\/span><span style=\"font-size: large\">rien Niyibasumba ni umukuru w\u2019iyo karatiye. Atumenyesha ko haheze imyaka ibiri ico kimanga gitanguye kwimburura aho hantu.Agira <\/span><span style=\"font-size: large\"><i>ati \u00ab Kikiri kure twibaza ko kitazoshikira amazu. Ariko kandi, uko catera cegereza niko nabimenyesha abankuriye nabo bakaza bakaraba hanyuma bagasubira inyuma. Mu mezi abiri aheze rero niho cateba gishikira amazu n\u2019ibarabara riracika gose\u00bb.<\/i><\/span><\/p>\n<p class=\"western\"><span style=\"font-size: large\">Nk\u2019umukuru muri ako karere, avuga ko yabaye arafata ingingo yo gushira amabariyeri ku ntango no ku mpera y\u2019ico kimanga kugira abantu co kimwe n\u2019imiduga ntibibandanye bihaca nubwo batumva akamo baterwa.<\/span><\/p>\n<p class=\"western\"><span style=\"font-size: large\">Tubajije umuyobozi mukuru wo mu bushikiranganji bujejwe gukinga impanuka, aremera ko ico kibazo bakizi gusa akamenyesha ko atari ikibazo coroshe gutorera inyishu buno nyene kuko bisaba uburyo bwinshi n\u2019ivyigwa bikomeye bizokorwa n\u2019abahinga babinonosoye. <\/span><\/p>\n<p class=\"western\"><span style=\"font-size: large\"><b>Hoba hari ingaruka zimaze kwibonekeza kuva caturuye aho hantu?<\/b><\/span><\/p>\n<p class=\"western\"><span style=\"font-size: large\">Nimbona Pierre, icegera c\u2019umukuru w\u2019iyo karatiye eka n\u2019abandi baba muri iyo micungararo, bemeza ko abantu babiri aribo bamaze gukorokera muri ico kimanga barakomereka bikomeye, umwe akaba ari umusore yariyasamariye kuri\u00a0<\/span><span style=\"font-size: large\"><i>\u00ab watsapu\u00bb,<\/i><\/span><span style=\"font-size: large\"> uwundi akaba yari umukenyezi yari yaborewe. Abandanya avuga ko<\/span> <span style=\"font-size: large\">Utuzu tw\u2019idandarizo turi hafi y\u2019ico kimanga twugawe, imiduga itakirengana, eka ibikorwa vyose vyarangurirwa hakurya no hakuno y\u2019ico gihomoka ngo bisa n\u2019ivyahagaze.<\/span><\/p>\n<p class=\"western\"><a name=\"_GoBack\"><\/a> <span style=\"font-size: large\">Ngo hari n\u2019abasigaye bahabunda kugira bagirire nabi abahita \u00a0nkuko vyemezwa na Aline:\u00a0<\/span><span style=\"font-size: large\"><i>\u00ab Ejo bundi narinsohotse kumugoroba nsanga ibisare vy\u2019ibihungu vyavutiriwe bihibunze bivuganira mu bwongoshwa ngo bintangatange binsunure ngwemwo maze bamwe bo muri bo bace bashungurukiramwo bamfate ku nguvu mba na vyumvise nihinda inyuma gato ndabivuza iminana y\u2019amabuye niko kumva inyuma ahandi ho kari kabaye,&#8230;\u00a0\u00bb<\/i><\/span><\/p>\n<p class=\"western\"><span style=\"font-size: large\">Kubw\u2019abegereye aho hantu ico kimanga<\/span><span style=\"font-size: large\"> kiri, ngo ico kibazo kirakwiye gufatwa mu minwe n\u2019ababijejwe bakagira ico bakoze mu maguru masha ahandi ho ngo bazohava bibuka kuyora basheshe.<\/span><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abanyagihugu bo ku Mugoboka ya mbere barahagaritswe umutima n\u2019ikimanga kidasanzwe giheruka kwaduka aho hantu. Carimburuye ibarabara, amazu y\u2019 abantu asa n\u2019ayahagaze kuri co gushika ubu abo gihanamiye bakaba batekewe n\u2019ubwoba budasanzwe bibaza uko bagiye kubikika. Hari kw\u2019igenekerezo ryo kuwa 27 rusama aho ikinyamakuru Jimbere catohoza ayo makuru. Mugoboka ni umutumba uri mu buraruko bushira ubuseruko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":3141,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[212],"tags":[23,233],"coauthors":[231],"class_list":["post-3140","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ibidukikije","tag-bujumbura","tag-mugoboka"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3140","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3140"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3140\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3142,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3140\/revisions\/3142"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3141"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3140"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3140"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3140"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3140"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}