{"id":3066,"date":"2019-03-21T12:03:36","date_gmt":"2019-03-21T11:03:36","guid":{"rendered":"https:\/\/jimbere.org\/amayagwa\/?p=3066"},"modified":"2019-06-02T17:20:23","modified_gmt":"2019-06-02T15:20:23","slug":"ubuhinga-ngurukanabumenyi-mu-kugwiza-umwimbu-mu-burimyi-ni-ntasubirizwa","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ubuhinga-ngurukanabumenyi-mu-kugwiza-umwimbu-mu-burimyi-ni-ntasubirizwa\/","title":{"rendered":"Ubuhinga ngurukanabumenyi\u00a0 mu kugwiza umwimbu mu burimyi ni ntasubirizwa"},"content":{"rendered":"<p><strong>Abarimyi barakwiye kumenya ingene isi imeze\u00a0 canke ikirere iyo bitegurira gutera imbuto mu mirima. Ubuhinga bushasha mu burimyi bita Agri-coach buje butanga ubumenyi ku barimyi bw\u2019ingene basuzuma igihe c\u2019irima n\u2019imbuto zikenewe. Vyashikirijwe n\u2019ishirahamwe Auxfin Burundi kuri uyu wa 19 Ntwarante mu ruganda rwo gushira ahabona ubuhinga Agri-coach mu nyubakwa\u00a0 za Royal Palace<\/strong>.<\/p>\n<p>Mu Burundi ibice bishika 80 kw\u2019ijana vy\u2019abantu ni abarimyi ariko ntibashobora kw\u2019imbura ibikwiriye abenegihugu bose\u00a0 ngo hanaboneke n\u2019umusesekera biturutse ku buhinga n\u2019ubumenyi buke mu bijanye n\u2019indimo. Ukutamenya isi, igihe c\u2019irima n\u2019iteragira, ikirere uko cifashe, imbuto z\u2019ugutera, ibiza, \u2026 biratuma umwimbu ukeha mu gihugu, ubukene bukahaka indaro.<\/p>\n<p>Esther Loefen wo mu buserukizi bw\u2019ingoma y\u2019Ubuhorande agira ati: <em>\u00abHambavu y\u2019ugufumbira isi, umurimyi arakwiye gufumbira umutwe, akagira ubumenyi buhuye n\u2019ubuhinga bushasha\u00a0 bw\u2019ukugwiza umwimbu Agri-coach <\/em>\u00bb. Umurimyi arakwiye kwijukira gukorera mu mashirahamwe abafasha kugwiza umwimbu, agakorana n\u2019abandi mu migwi kuko ariho ashobora kw\u2019ungukira ku buhinga barahura hirya no hino mu yandi mashirahamwe araba ibijanye n\u2019uburimyi. Ishirahamwe Auxfin Burundi mu mugambi waryo wo\u00a0 \u00abkurima kijambere kuri bose\u00bb, Ubu rikorera mu ntara zitatu mu Burundi, ari\u00a0 zo: Gitega, Kayanza na Karusi abarimyi\u00a0 baho barungukira ku buhinga bushasha Agri-coach bwo kumenya, guhitamwo imbuto botera, igihe boziterereko n\u2019ingene bobandanya bazibungabunga gushika zere.<\/p>\n<p>Nkuko bishikirizwa na Yannick Chokola umuhuzabikorwa mw\u2019ishirahamwe Auxfin Burundi, aho avuga ko igikorwa cose gikorerwa ku gihe, ari na co gituma umurimyi adakwiye kujana nyabahururu mu kwihutira gutera imbuto atabanje kugendereza ikirere. Ni muri ubwo buryo Agri-coach iriho kugira igende irerekana buri minsi icenda uko ikirere kimeze, maze abarimyi bamenye n\u2019imba imvura ikwiye canke idakwiye ku mbuto z\u2019ipfuzwa guterwa muri ico gihe.<\/p>\n<p><strong>Umwirimizi muto mu buhinga buhanitse<\/strong><\/p>\n<p>Bakoma serewusi,wo mu ntara ya Kayanza komine Muruta, umutumba Yanza agacimbiri Kigabiro I\u00a0 asanzwe arongoye urunani rw\u2019umugwi wa gatatu w\u2019abarimyi 50 bishize hamwe mu mugambi w\u2019ishirahamwe Auxfin wo kugwiza umwimbu biciye mu buhinga bushasha Agri-coach. Bakoma yarahawe n\u2019iryo shirahamwe iterefone irimwo ubuhinga buhanitse (tablette mu gifaransa) imufasha kuraba uko ikirere cifashe mu minsi icenda ko imvura ihari yotuma bateragira imbuto canke ko boba barabangiriye. Baranaronkejwe muri uwo mugwi nyene agakoresho gapima urugero rw\u2019imvura yanyengetereye mu butaka.<\/p>\n<p>Nsengiyumva claude avuka mu ntara ya Gitega komine Gitega ku musozi wa Songa, arongoye urunani rw\u2019imigwi 20 ikurikirana yo ku mitumba ibiri umugwi umwumwe ugizwe n\u2019abanywanyi 50.Auxfin yamuhaye iterefone imufasha kugendereza ikirere. Nsengiyumva agira ati: \u00ab <em>Kumenya uko ikirere cifashe biratuma mu mugwi wacu tumenya ingene twitunganya mu bikorwa vyacu, no ku mbuto, iyo\u00a0 twabonye ko mu minsi icenda imvura izogwa arinyishi,biradufasha guhitamwo imbuto zirinda amazi<\/em>\u00bb. Yongerako ati: \u00ab <em>Auxfin yaranadushize\u00a0 mu migwi yo kugura umwavu,ntitukivunika turaziganya uduhera dukeduke biciye kuri iyi terefone, isanzwe ifise ubuhinga bita UMVA, maze bakarungika umwe kuwuzana mu gihe ubwa mbere bitatworohera twashobora kumara ukwezi atawurawuronka,nokuhibirwa birimwo<\/em>\u00bb.<\/p>\n<p>Nkuko abanywanyi ba Auxfin bashobora kugura umwavu biciye kubuhinga bwaryo, igiye nogushiraho isoko yabanywanyi bayo, aho biciye ku buhinga bwa Agri-coach bazoshobora kugura imbuto zirobanuye, ice ishiraho n\u2019uburyo umwirimizi muto ashobora kugurisha ivyimburwa vyiwe i Bujumbura ndetse nahandi hose umwimbu wogurwa neza.<\/p>\n<p><strong>\u00a0<\/strong><\/p>\n<p>&nbsp;<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abarimyi barakwiye kumenya ingene isi imeze\u00a0 canke ikirere iyo bitegurira gutera imbuto mu mirima. Ubuhinga bushasha mu burimyi bita Agri-coach buje butanga ubumenyi ku barimyi bw\u2019ingene basuzuma igihe c\u2019irima n\u2019imbuto zikenewe. Vyashikirijwe n\u2019ishirahamwe Auxfin Burundi kuri uyu wa 19 Ntwarante mu ruganda rwo gushira ahabona ubuhinga Agri-coach mu nyubakwa\u00a0 za Royal Palace. Mu Burundi ibice [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":0,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215,216],"tags":[220],"coauthors":[189],"class_list":["post-3066","post","type-post","status-publish","format-standard","hentry","category-uburimyi","category-ubworozi","tag-izindi-nkuru"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3066","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3066"}],"version-history":[{"count":0,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3066\/revisions"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3066"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3066"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3066"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3066"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}