{"id":3046,"date":"2019-04-27T13:25:40","date_gmt":"2019-04-27T11:25:40","guid":{"rendered":"https:\/\/jimbere.org\/amayagwa\/?p=3046"},"modified":"2019-06-02T18:05:41","modified_gmt":"2019-06-02T16:05:41","slug":"urwego-nshingwa-kirundi-burundi-ururimi-kavukire","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/urwego-nshingwa-kirundi-burundi-ururimi-kavukire\/","title":{"rendered":"Urwego nshingwa kirundi mu Burundi, ruza gusubiza ikibanza ciza ururimi kavukire"},"content":{"rendered":"<p><b>Urwego nshingwa kirundi rwarongeye kunagurwa mu Burundi kugira rutangure ibikorwa vyo gusubiza akanovera ururimi rwa ba sokuru. Ni ivyashikirijwe kuva kuri uyu wa 23 gushika 25 ndamukiza 2019 mu ruganda rujanye n\u2019umugambi ntunganya ndimi rwatunganijwe n\u2019ubushikiranganji bw\u2019imico kama n\u2019inkino kuri \u00abCentre Su\u00e9dois\u00bb mu Kinindo.<\/b><\/p>\n<p><i>\u00ab Hari vyinshi bihagaze kubera ata rwego nshingwa kirundi ruriho \u00bb<\/i>. Bishikirizwa n\u2019umuhinga mu kirundi Ferdinand Mberamihigo Umwigisha muri Kaminuza y\u2019Uburundi mu gisata c\u2019indimi n\u2019imico nyafirika. Uyo muhinga agira ati: \u00ab<i>Kuva Uburundi bwikukiye kugeza ubu ntakazinduzi n\u2019imwe y\u2019ikirundi iriho, ivyo bituma umuntu ataronka aho ashobora kuraba insobanuro y\u2019amajambo agoye. Ikindi nta majambo yo kuvuga ibijanye n\u2019ubuhinga ariho n\u2019ibijanye n\u2019ibisomwa vy\u2019ikirundi vyose birahagaze kubera ata rwego nshingwa kirundi (Acad\u00e9mie Rundi) ruriho\u00bb.<\/i><\/p>\n<p>Mberamihigo akaba amenyesha ko n\u2019ubwo ibintu bimeze ukwo, hari iteka ry\u2019umwami ryo mu 1962 ryashiraho urwego nshingwa kirundi rwari gukurikirana ikoreshwa ry\u2019ikirundi mu bisata bitandukanye vy\u2019ubuzima bw\u2019igihugu, ariko urwo rwego rukaba rwagumye mu nyandiko gusa rutigeze ruja ku kivi ngo rutangure ibikorwa.<\/p>\n<p>Inyuma y\u2019imyaka irenga mirongwitanu, mu 2014 akaba ariho hashirwaho itegeko ry\u2019umukuru w\u2019igihugu rigena inagurwa ry\u2019urwego nshingwa kirundi hamwe n\u2019izindi ndimi zikoreshwa aha mu gihugu.<\/p>\n<p lang=\"en-US\"><b>Hitezwe iki ku rwego ntunganya kirundi?<\/b><\/p>\n<p lang=\"en-US\">Ferdinand Mberamihigo abandanya amenyesha ko bitumvikana kubona ururimi rw\u2019ikirundi rudatejwe imbere kandi rusanzwe rugira kabiri mu ndimi zifise ikigega c\u2019amajambo menshi ku mugabane wa Afirika inyuma y\u2019igiswahiri.<br \/>\nAkavuga rero ko urwo rwego nshingwa kirundi ruje guha ikibanza ca mbere ikirundi mu mashure no mu bindi bisata vy\u2019ubuzima bw\u2019igihugu, gutunganya inyandiko y\u2019ikirundi imwe ihurirwako na bose, ugucura amajambo mashasha asanzwe atabaho bivanye n\u2019ico bashaka kuvuga mu kirundi, ugushira ikirundi ku rubuga ngurukana bumenyi hamwe no gutunganya kazinduzi zirimwo amajambo mashasha ajanye n\u2019igihe.<\/p>\n<p><span lang=\"en-US\">Umushingamateka Hilaire Ntahomvukiye agira ati: \u00ab <\/span><span lang=\"en-US\"><i>Ikirundi kirakwiye kwiganza mu guhanahana amakuru, ubuhinga, ubumenyi mu kibano gutyo umurundi agakurira mu kirundi kikaba ari co kimufasha kumwugururira inzira ku zindi ndimi \u00bb. <\/i><\/span><span lang=\"en-US\">Amenyesha rero ko urwengo nshingwa kirundi ruzoba rujejwe gutezimbere ubwo butunzi bwose ndangakaranga umurundi ashobora kuvuga mu rurimi rwiwe kavukire.<\/span><\/p>\n<p>Yongerako kandi ko urwo rwego rwoba ari urw\u2019abahinga bafise umutima ukunda uburundi n\u2019ikirundi, bashobora kwiyumvira ingene bohindura indero mu mashure, bakaraba ingene borera mu kirundi, kandi bakabitegura kuburyo n\u2019icokirundi cokwigishwa mu kirundi kiryoshe.<\/p>\n<p lang=\"en-US\"><b>Ikirundi hamwe n\u2019izindi ndimi<\/b><\/p>\n<p><span lang=\"en-US\">Melchior Ntahonkiriye Umwigisha muri Kaminuza y\u2019Uburundi, na we nyene avuga ko urwego nshingwa kirundi ruzitwararika ikirundi ubwa mbere ariko ruzoraba n\u2019izindi ndimi zikoreshwa ngaha mu burundi.<\/span><\/p>\n<div id=\"attachment_3047\" style=\"width: 368px\" class=\"wp-caption alignleft\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" aria-describedby=\"caption-attachment-3047\" class=\" wp-image-3047\" src=\"https:\/\/jimbere.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/05\/Melchior-Ntahonkiriye-Umwigisha-muri-Kaminuza-y\u2019Uburundi-300x244.jpg\" alt=\"\" width=\"358\" height=\"291\" \/><p id=\"caption-attachment-3047\" class=\"wp-caption-text\">Melchior Ntahonkiriye Umwigisha muri Kaminuza y\u2019Uburundi, mu gisata c&rsquo;igifaransa. \u00a9Jimbere Magazine<\/p><\/div>\n<p><span lang=\"en-US\">Agira ati: \u00ab <\/span><span lang=\"en-US\"><i>Dukikijwe n\u2019ibihugu ngaha hafi eka mbere no kw\u2019isi yose. Ntidukwiye guheba izo ndimi z\u2019abanyamahanga kuko zidufasha kumenyesha ivyo dufise ngaha iwacu kugira abatabizi, kandi batazi n\u2019ururimi rwacu babashe kubimenya\u00bb<\/i><\/span><span lang=\"en-US\">. Akamenyesha kandi ko muri uwo mugambi ntunganya ndimi, ubwambere haza ikirundi, hagakurikira icongereza, igifaransa hama igiswahili.<\/span><\/p>\n<p lang=\"en-US\">Edouard Ntamatungiro na we akaba ari umuhinga mu kirundi, avuga ko ururimi rw\u2019ikirundi rukwiye gukingirwa n\u2019urwo rwego nshingwa kirundi, hagashirwa ho n\u2019umurwi w\u2019abahinyanyuzi bashobora guhindura inyandiko zanditswe mu ndimi mva mahanga zikakaja mu kirundi rwo rurimi ruhuza zina murundi wese. Yongerako kandi ko ururimi rw\u2019icongereza ruzoshimikwako kuko ari ururimi ruriko rurakoreshwa cane mu buhinga bwa none.<\/p>\n<p lang=\"en-US\">Urwengo nshingwa kirundi, ni igisata gihambaye gitegerezwa gukora c\u2019igenga, kigizwe n\u2019abahinga babunyoye mu kirundi barajwe ishinga n\u2019ugusubiza ikibanza ururimi kavukire. Abahinga mu bijanye n\u2019umugambi wo gutunganya indimi bakabona ko ico gisata cotandukana n\u2019ubushikiranganji bw\u2019imico kama n\u2019inkino bisanzwe bitegekanijwe ko cokukiye kubera yuko urwo rwego ruzoba rufise amabanga menshi ruzitwararika gutyo akaba ari rwo rwokwitunganiriza ibikorwa rudakukiye ikigo c\u2019imico n\u2019akaranga.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Urwego nshingwa kirundi rwarongeye kunagurwa mu Burundi kugira rutangure ibikorwa vyo gusubiza akanovera ururimi rwa ba sokuru. Ni ivyashikirijwe kuva kuri uyu wa 23 gushika 25 ndamukiza 2019 mu ruganda rujanye n\u2019umugambi ntunganya ndimi rwatunganijwe n\u2019ubushikiranganji bw\u2019imico kama n\u2019inkino kuri \u00abCentre Su\u00e9dois\u00bb mu Kinindo. \u00ab Hari vyinshi bihagaze kubera ata rwego nshingwa kirundi ruriho \u00bb. [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":0,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[211],"tags":[228,229],"coauthors":[189],"class_list":["post-3046","post","type-post","status-publish","format-standard","hentry","category-imicokama","tag-ikirundi","tag-indimi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3046","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3046"}],"version-history":[{"count":0,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3046\/revisions"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3046"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3046"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3046"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3046"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}