{"id":2692,"date":"2019-04-05T14:02:59","date_gmt":"2019-04-05T12:02:59","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/?p=2692"},"modified":"2019-06-02T18:06:08","modified_gmt":"2019-06-02T16:06:08","slug":"judo-uburundi-bugenda-bwemye-ata-soni-kuko-bwariteye-iteka","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/judo-uburundi-bugenda-bwemye-ata-soni-kuko-bwariteye-iteka\/","title":{"rendered":"Judo: \u00abUburundi  bugenda bwemye ata soni kuko bwariteye iteka\u00bb"},"content":{"rendered":"\r\n<p class=\"has-medium-font-size\">Uburundi ntibugitangwa mu nkino za judo zitunganywa ku mugabane wa Afirika mu ntumbero yo kwironderera amanota azotuma bwitabira amahiganwa yo ku rwego rw\u2019isi. Kandi buramutse bushitseyo, ntibutaha imbokoboko<\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<p class=\"has-text-color has-very-dark-gray-color\">Nk\u2019uko tuvyiganirwa na Phocas Mpezindagano, umunyamabanga mukuru mw\u2019ishirahamwe rya judo mu Burundi (FBJ), \u00ab\u00a0hari amahiganwa aba rimwe buri mwaka, n\u2019ayandi bita ay\u2019 ibikombe vya Afirika\u00a0\u00bb. Ayo mahiganwa akaba atunganywa n\u2019ibihugu bivyishakiye aho abavyitabiriye bahungukira amanota.<\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<p class=\"has-text-color has-very-dark-gray-color\">Ni muri iyo ntumbero kuva kw\u2019igenekerezo rya 2 gushika 3 Ruhuhuma, Uburundi bwatunganije amahiganwa yahuza urwaruka n\u2019imiyabaga yo ku mugabane wa Afirika. Uburundi bukaba bwerekanyemwo ubuhinga mu gutahukana ikibanza ca mbere hamwe n\u2019imidari y\u2019inzahabu, ifeza n\u2019imijumbu yose hamwe ingana na 71.<\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<p class=\"has-text-color has-very-dark-gray-color\">Budakeye na kabiri, igihugu ca Senegal na Tchad vyaciye bitunganya na vyo nyene amahiganwa, aho Uburundi bwaserukiwe n\u2019abakinyi batandatu, abahungu bane n\u2019abigeme babiri. None ho vyagenze gute?<\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<p><strong>Umwimbu bakuye muri Senegal<\/strong><strong> na Tchad<\/strong><\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<p class=\"has-text-color has-very-dark-gray-color\">Phocas Mpezindagano agira ati: <em>\u201cUbu tugenda duhagaze, twemye, ata soni dufise kuko twariteye iteka turerekana ko Uburundi ari igihugu gikomeye mu rukino rwa judo kugeza naho ibindi bihugu, inyuma yaho tubereye aba mbere aha mu Burundi, bisigaye bidutamarira\u201d.<\/em><\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<p class=\"has-text-color has-very-dark-gray-color\">Ku wa 14 Ntwarante mwak\u2019uyu, isaha umunani z\u2019umuhingamo ni ho imiyabaga n\u2019urwaruka rukina urukino rwa judo baherekejwe n\u2019umumenyereza wabo Bigirimana Fran\u00e7ois bahaguruka ku kibuga c\u2019indege ca Bujumbura baja mu gihugu ca Senegal mu rukino rwabaye kuva ku wa 16 \u2013 17 ntwarante. Bigirimana Fran\u00e7ois umumenyereza w\u2019abakinyi agira ati: \u201c <em>Naho tutabaye aba mbere urukino rwagenze neza. Twahakuye imidari 3 y\u2019inzahabu, 1 w\u2019ifeza n\u20193 y\u2019umujumbu hamwe n\u2019ikibanza ca gatatu\u201d.<\/em><\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<p class=\"has-text-color has-very-dark-gray-color\">Avuga kandi ko iyo Fleury Nihozeko atagira akagorane mu rukino rwiwe rwa mbere, imidari yari kwiyongera kuko uyo mukinyi azwi cane mu rukino rwa judo. Bavuye muri Senegal baciye baja muri Tchad mu mahiganwa yabaye kuva ku wa 23 \u2013 24 Ntwarante. Bigirimana ati:<em>\u201d Abakinyi barakoze ibikora inka i Ndjamena muri Tchad, batahukanye imidari 3 y\u2019inzahabu, 2 y\u2019ifeza n\u20192 y\u2019umujumbu hamwe n\u2019ikibanza ca kabiri\u201d.<\/em><\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<p class=\"has-text-color has-very-dark-gray-color\">Muri ayo mahiganwa yabaye muri Senegal na Tchad, Uburundi bwahakuye imidari yose hamwe 14 harimwo 6 y\u2019inzahabu, 3 y\u2019ifeza n\u2019 5 y\u2019umujumbu.<\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<p><strong>Hakozwe iki\u00a0?<\/strong><\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<p class=\"has-text-color has-very-dark-gray-color\">Bigirimana Fran\u00e7ois agira ati:<em>\u201d Twarahuye n\u2019abakinyi bakomeye cane bo mu bihugu vy\u2019abarabu nka Tuniziya na Maroke, turabatsinda. Kuba rero tutabaye aba mbere vyavuye ku bakinyi bake twajanye biturutse ku mpamvu yuko uburyo dufise atari ikirenga. Iyo twajana abakinyi benshi bashika nka 20 canke 30, nta nkeka ko twari gutahana ikibanza ca mbere kuko ababaye aba mbere bavuye mu gihugu categuye amahiganwa\u201d .<\/em><\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<p class=\"has-text-color has-very-dark-gray-color\">Niragira Ange Siella, ni umwigeme akina urukino rwa judo, mu batarenza ibiro 70. Ku mahiganwa aherukamwo agira ati: \u00ab\u00a0<em>Naho abakinyi bo muri Senegal bakomeye, nta judo baturusha kuko narahakuye umudari w\u2019inzahabu mu miyabaga. Tugeze muri Tchad naho nyene natwaye umudari w\u2019inzahabu mu rwaruka. Ico bompi baturushije catumye tutaba aba mbere ni ubwinshi bw\u2019abakinyi gusa bazanye, nayo judo turayibarusha\u201d.<\/em><\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<p class=\"has-text-color has-very-dark-gray-color\">Mw\u2019ishirahamwe ry\u2019urukino rwa judo mu Burundi, bafise ihangiro ryo gushikana abakinyi mu mahiganwa yo ku rwego rw\u2019isi, ibendera ry\u2019Uburundi rikaduzwa mu makungu atari kubera Uburundi bwitabiriye amahiganwa, ahubwo kubera ko ari umukinyi canke Uburundi bubaye ubwa mbere.<\/p>\r\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Uburundi ntibugitangwa mu nkino za judo zitunganywa ku mugabane wa Afirika mu ntumbero yo kwironderera amanota azotuma bwitabira amahiganwa yo ku rwego rw\u2019isi. Kandi buramutse bushitseyo, ntibutaha imbokoboko Nk\u2019uko tuvyiganirwa na Phocas Mpezindagano, umunyamabanga mukuru mw\u2019ishirahamwe rya judo mu Burundi (FBJ), \u00ab\u00a0hari amahiganwa aba rimwe buri mwaka, n\u2019ayandi bita ay\u2019 ibikombe vya Afirika\u00a0\u00bb. Ayo mahiganwa [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":2693,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[210],"tags":[230],"coauthors":[189],"class_list":["post-2692","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-inkino","tag-judo"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/2692","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=2692"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/2692\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":2694,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/2692\/revisions\/2694"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/2693"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=2692"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=2692"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=2692"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=2692"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}