{"id":2111,"date":"2019-02-23T14:41:28","date_gmt":"2019-02-23T13:41:28","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/?p=2111"},"modified":"2019-05-23T14:18:23","modified_gmt":"2019-05-23T12:18:23","slug":"ikirundi-ururimi-burundi-cebulac-kaminuza","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ikirundi-ururimi-burundi-cebulac-kaminuza\/","title":{"rendered":"Ngo ikirundi ni ururimi rukenye? Haba namba \u2026"},"content":{"rendered":"\r\n<p><strong>Ururimi rw\u2019ikirundi rubitse ubutunzi bwinshi. Ivyo ni ivyagaragariye mu birori vyo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ururimi kavukire<\/strong>. <strong>Vyari vyatunganijwe n\u2019ishure Kaminuza ry\u2019Uburundi ryifadikanije n\u2019ikigo CEBULAC. <\/strong><\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<p>Denis Bukuru, Umwigisha wa kaminuza mu gisata c\u2019indimi n\u2019imico kama y\u2019abanyafirika ati: \u201c<em>Mwari muzi ko hamaze kwandikwa mu Kirundi ibitabu vy\u2019imitsindo vy\u2019abarangiza kaminuza bishika ijana\u201d? <\/em>Uyo muhinga aragaragaza ibintu bitandatu abarundi bihendako ku rurimi rwabo:<\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<p><strong>Ngo ikirundi kirakenye ?<\/strong> Bukuru arabibeshuza. Ati : \u201c<em>Ikirundi kirafise amajambo atomoye ashobora gushikiriza ivyumviro birashe vy\u2019ubumenyi n\u2019ubuhinga bwa none<\/em>\u201d. Uburorero atanga ni: <em>umuyagankuba, ikigendajuru, imitsi nsanzazamaraso <\/em>ni amajambo y\u2019ubuhinga abarundi badafise ariko bakoresha.<\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<figure class=\"wp-block-embed-twitter wp-block-embed is-type-rich is-provider-twitter\">\r\n<div class=\"wp-block-embed__wrapper\">https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1098611823631388674<\/div>\r\n<\/figure>\r\n\r\n\r\n\r\n<p>Ferdinand Mberamihigo we avuga ati<em>: \u201cNi twaba tuvuga ko ikirundi gikenye, duce twemera ko n\u2019izindi ndimi zikenye\u201d. <\/em>Atanga akarorero k\u2019amajambo ururimi rw\u2019ikirundi rufise, ariko mu rurimi rw\u2019igifaransa atabaho canke bataronkera insiguro. Akarorero: <em>Gutengata, amakaba, amarindira,&#8230; <\/em>Hari n\u2019ayandi majambo y\u2019ikirundi yikwije, ata jambo rimwe riyasigura rihari mu gifaransa. Ni nk\u2019aya<em>: Guheka (<\/em>mu gifaransa<em>: porter sur le dos). <\/em>Ferdinand ati<em> \u00ab\u00a0porter sur le dos\u00a0\u00bb <\/em>nticama gisigura mu kirundi guheka. Muri make ati<em> \u00ab nta rurimi rukenye, rumwe rwose ruvuga ivyo rukeneye \u00bb.<\/em><\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<p><strong>Ikirundi\u00a0ngo\u00a0ntikirenga\u00a0imbibe?<\/strong> Ishwi mama! Ikirundi kirarenga imbibe mbere kigashika no mu makungu. Bukuru ati: \u201c<em>Mu Burundi ikirundi kivugwa citwa ikirundi, mu Rwanda citwa ikinyarwanda, muri Congo citwa ikirundi canke ikinyamurenge, muri Tanzaniya kivugwa ari Igiha, igihangaza canke igishubi, muri Ouganda kivugwa citwa ikivubira,\u2026 mbere kiravugwa no mu mahanga hose ahantu haba abarundi canke ku masamirizi mpuzamakungu nka <a href=\"https:\/\/web.facebook.com\/BBCnewsGahuza\/\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\" aria-label=\"BBC (s\u2019ouvre dans un nouvel onglet)\">BBC<\/a> na <a href=\"https:\/\/web.facebook.com\/RadiyoyacuVOA\/\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\" aria-label=\"VOA (s\u2019ouvre dans un nouvel onglet)\">VOA<\/a><\/em>).<\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<p><strong>Ikirundi ngo ni co kuvuga gusa<\/strong>? Ahibambe we! Umuhinga Denis ati \u201c<em>Biratangaje ingene inama, ijambo, ubutumire,\u2026 bitegurwa mu Kirundi yamara hageze gushikiriza icegeranyo kigatangwa mugifaransa<\/em>\u201d. Ivyo vyerekana ko abarundi twibaza ko ikirundi ari ico kuvuga gusa. Hageze kwandika tugakoresha izindi ndimi. Denis we arayica umurya. Ati: \u201c<em>Mbega nko gukora umugambi, ukawandika ku capa mugifaransa hanyuma ugaca ugishinga mu murima w\u2019ibigori aho abagisoma batumva urwo rurimi bisigura iki? Ba kimyozi nabo nyene ati batangaza mu gifaransa ubuhinga bwabo bafise mu kumwa kandi<\/em> <em>bamwa mu Kirundi\u00a0\u00bb. <\/em>N\u2019ubundi burorero bwinshi.<\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<p><strong>Ngo ntawokwandika ubutohoji mu Kirundi..<\/strong>. Dufatiye nko ku mwanditsi Ntahokaja Jean Baptiste, ibice birenga 70% vy\u2019ubutohoji yagize yabwanditse mu Kirundi. Muri make ibitabo vy\u2019imitsindo bimaze kwandikwa n\u2019abamaze kaminuza birashika ijana.<\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<figure class=\"wp-block-embed-twitter wp-block-embed is-type-rich is-provider-twitter\">\r\n<div class=\"wp-block-embed__wrapper\">https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1098601513344294912<\/div>\r\n<\/figure>\r\n\r\n\r\n\r\n<p><strong>Ikirundi ngo nticotira amajambo mu zindi ndimi&#8230;<em> \u00ab\u00a0<\/em><\/strong><em>Eka da! Hari amajambo menshi mu kirundi dukoresha tutazi neza ko ari amarahurano. Ehe nawe irabire: ikawa, igitabu, ikaramu, isaha, isahani,\u2026 ayo n\u2019amajambo yatiwe mu carabu aciye mu giswahili\u00a0\u00bb,<\/em> nk\u2019uko umwigisha Bukuru abisigura. Arabandanya ati: <em>\u00ab\u00a0Ishati, uburengeti, imodoka ni amarahurano ava mu congereza. Ijipo, ibiharage, itabi\u2026 na yo yavuye mu gifaransa. Patiri, imisa, umukirisu,\u2026 ayo yose yatiwe muki latini.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<p><strong>Ikirundi coba cononwa n\u2019urwaruka.<\/strong> Habe n\u2019intete! Bukuru ati: <em>\u201cUkutacitaho kumenya ivya kera ngo tubivuge mu kirundi, no kutamenya ivy\u2019ubu mu kirundi ni vyo vyonona ururimi kuko abakiri bato barahura ivyo bavuga babikuye kubakuze, mu nsamirizi, mu nama mu mashengero, mu binyamakuru, n\u2019ahandi\u201d.<\/em> Gertrude Kazoviyo na we ati: \u201c<em>Ikirundi nticahawe ikibanza gikwiye mu mashure<\/em>\u201d. Aha afatira kumasaha make cane ahabwa ikirundi ugereranije n\u2019ururimi rw\u2019igifaransa n\u2019icongereza.<\/p>\r\n\r\n\r\n\r\n<figure class=\"wp-block-embed-twitter wp-block-embed is-type-rich is-provider-twitter\">\r\n<div class=\"wp-block-embed__wrapper\">https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1098576691633496064<\/div>\r\n<\/figure>\r\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ururimi rw\u2019ikirundi rubitse ubutunzi bwinshi. Ivyo ni ivyagaragariye mu birori vyo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ururimi kavukire. Vyari vyatunganijwe n\u2019ishure Kaminuza ry\u2019Uburundi ryifadikanije n\u2019ikigo CEBULAC. Denis Bukuru, Umwigisha wa kaminuza mu gisata c\u2019indimi n\u2019imico kama y\u2019abanyafirika ati: \u201cMwari muzi ko hamaze kwandikwa mu Kirundi ibitabu vy\u2019imitsindo vy\u2019abarangiza kaminuza bishika ijana\u201d? Uyo muhinga aragaragaza ibintu bitandatu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":2130,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[211,205],"tags":[220],"coauthors":[189],"class_list":["post-2111","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imicokama","category-indero","tag-izindi-nkuru"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/2111","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=2111"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/2111\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":2226,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/2111\/revisions\/2226"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/2130"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=2111"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=2111"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=2111"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=2111"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}